Naho Reta y’uburundi n’izindi nzego zibandanya guhisha ko mugihugu hariho ibibazo, umushingamateka Athanase Hatungimana batazira Cokoloko, yarubahutse kwemeza ko ibitoro mu burundi aringorane
Kiretse uwuriko uriyobagiza nkana, canke uwigira impumyi kandi Imana yaramuhaye amaso, ntamurundi n’umwe eka n’umunyamahanga, aboroshe n’abahambaye batabona ko ibintu vyayangaye mu gihugu. Hirya no hino mu gihugu, harangwa imigani ivuga ngo ntawuhisha umwotsi inzu iriko irasha canke yamaze gusha, kandi ngo akuzuye ntikamurikwa, nayo ngo Imbwa irinze itoboka ubuhanza ntiba yamenye imihana mike. Iyo migani abanyagihugu bariko barayivuga bashaka kwerekana ko naho umukuru w’igihugu Varisito Ndayishimiye ngo yihagararako, ngo ntibigikunda ko ashobora guhisha canke kunyegeza ko yamaze guta igihugu umanga.
Eka no mu nama nshingamateka, nahonyene ibiriko biraba vyaraye bigaragaye ko vyabarengeye, nayo igikorwa cabo co guserukira abanyagihugu ntaco bagishoboye, ahubwo basa nabemanga ko nabonyene ko bagiye kurwa hamwe n’abo vyitwa ko baserukira. Ivyo bikaba vyabonetse kuri uyu wagatatu itariki 12 Ruheshi 2024, igihe inama nshingamateka yari yashashe, abashingamateka bakaba bariko barumviriza icegera c’uwutwara Cour de compte akaba yariko arabasigurira ivyerekeye integuro y’amafaranga Reta itegekanya gukoresha muri uyu mwaka.
Athanase Hatungimana batazira Cokoloko, ni umushingamateka akaba yahoze ajejwe ibigega vy'umukuru w'igihugu (intendance) umuhisi Petero Nkurunziza. Ahawe ijambo n’icegera cambere c’umukuru w’inama nshingamateka muvyo yavuze yagize ati, nagira nsabe benewacu ndabamenyesha ko bariko baragora uwo muntu, ati hanyuma kandi bamenye ko hariho abataha n'amaguru, batureke dutahe. Muganga Sabine Ntakarutimana yararongoye inama akaba wewe ico kibazo co kugenda namaguru yagifashe nkaho atari ikibazo, acagerageza kubirenzako uruhu rw’amazi.
Ivyo rero Hatungimana batazira Cokoloko, yashikirije hamwe n’inyifato y’icegera cambere c’umukuru w’inama nshingamateka y’uburundi, Muganga Sabine Ntakarutimana yararongoye ibikorwa vy’inama yo kuri uyu wagatatu mu mwanya umukuru w’Inama nshingamateka yari asohotse, biza bishimangira ivyari bimaze iminsi bishikirizwa nabanye politique ko igihugu kitagira Reta n’izindi nzego muri kino gihe. Akarorero akaba arivyo umunye politique akaba n’umuvugizi w’umugambwe MSD Epithace Nshimirimana, yaheruka kuvugira ku mboneshakure Renaissance, ko inzego zose n’inama nshingamateka zisa nuko atariho ziri haruhande y’ibibazo vyindenzarugero vyugarije abanyagihugu.
Bamwe rero mu banyagihugu twaganiriye, haruhande y’umwiheburo bafise, batubwiyeko ibiriko biraba bidashobora kubandanya uko biri ngo kuko ibara ryamaze kurwa, nayo ubwanwa ngo bwapfutse umunwa, ngo ahubwo iki nico gihe cuko abashingantahe canke abagabo, abapfasoni canke abakenyezi hadasigaye inyuma urwaruka bagifise umutima ngo bova hasi bakaruha inda, bakarya umutima amenyo ngo bagatembagaza Umukuru w’igihugu n’izindi nzego ataco ziriko ziramarira igihugu kiretse kugisuka mu manga, ngo hanyuma batabare uburundi.
Vyanditswe na Jeannette KAMIKAZI.