Uno munsi abarundi duhimbaza isabukuru y’imyaka 62 Abarundi turose intahe yo kwikukira, none vyukuri twoba twari kukiye?
Ntawobiharira nivyo uno munsi abarundi turakwije imyaka 62 twikukiye, ni ukuvuga ko intwaro yabakoloni yatuvuyeko, tukarongorwa n’abarundi benewacu. Ariko naho biri uko, ibibazo biracari vyinshi mu barundi, mbega koko iyo myaka tumaze tuyibayemwo gute?
Benshi muri twebwe ntitwari bwavuke, abandi nabo bari bakiri bato. Ariko twarumvise ko hariho umuntu yatwiguze agahitamwo guheba amagara yiwe kugira ngo abarundi dushobore kuronka intahe yo kwikukira. Uwo nawe akaba atari uwundi ni Umuganwa Rudoviko Rwagasore. Yararwanye kugira abarundi tube mu mwidegemyo kandi nivyo gushima. Ariko naho biri uko, Uwo munezero uvanze n’umubabaro wo kubona intwari nkiyo yararwanye igaca ihatakariza ubuzima itabonye ico yarwaniye. Rwagasore n'intwari yacu kandi aguma ari imboneza umuhuza w'abarundi twese.
Kuva rero twikukiye, nibaza ko arico gikorwa canyuma ciza duheruka. Inyuma ya nyakwigendera Rwagasore, abamukwirikiye babaye abarundi barongora intwaro zicinyiza zigatwaza igitugu abarundi. Ngaha turibukako Abarundi twishwe, abandi bakanyuruzwa, abandi bagahunga n'ubu bakiriko. Eka n’abakoloni ntibigeze baduha agahengwe. Colonisation yarabandanije sous d'autres formes. Ingingo ziraba igihugu cacu hari izifatirwa mu bindi bihugu gushika nuyu musi. On nous impose la façon de gouverner nos pays, mondialisation, privatisation y'amashirahamwe n'izindi solutions ziza ziva hanze y'uburundi.
None dukore iki? Ica mbere ni kuba free dans nos esprits, mentalités kuko nkuko biboneka abarundi turaboshwe mu mutwe kandi ntituzokwibohora tudasubiye sur nos valeurs z'ubuntu z'ikizira zo gufatana mu nda mu butandukane bwacu. Ica kabiri dutegerezwa gukora tukikurako abo bene wacu baducinyiza na cane cane tukabona yuko atari umuntu umwe azotabara, ahubwo ko arigikorwa ca twese. Intwaro iharanira ineza y'abarundi twese apana akarwi irakenewe. Ica gatatu n’uko dukwiye gushira hamwe ubumenyi bwose dufise kugire twubaka économie iri stable, et forte kuko umuntu akenye canke igihugu gikenye biheza bikoroha kugikoresha.
Muguheza, twokwibuka ko même si la situation est catastrophique. On peut faire mieux. Igikorwa Rwagasore yatanguye il faut ko tukibandanya tukagisozera. Being free is not easy, many of us will have to die fighting for our freedom but freedom is the best gift we can give to our people. I'm confident we can do it.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.