Naho habereye ibirori vyo guhimbaza imyaka 62 uburundi bwikukiye, hazindutse hanatorwa inzandiko ziyamiriza intwaro ya Evariste Ndayishimiye
Abarundi twese, aboroshe, abahambaye, abato n‘abakuru, mu butandukane bwacu, iki nico gihe co guhaguruka kugira ngo dutabare igihugu cacu, kuko ntawundi azobikora mu kibanza cacu. aho tugeze ntakibi kibaho na kimwe, Evariste Ndayishimiye nakarwi kiwe basigaje kudukorera gisumba ivyo bamaze kudukorera ni bimwe mu biri muri ubwo butumwa bwanditse ku mpapuro ariko budateweko umukono, bwibonekeje mu bice bitandukanye vya komine n'intara ya Gitega.
Nkuko bibandanya biboneka kurizo mpapuro, abavyanditse bavuga bati, nduguruye twamugina. Twarasonzeshejwe, kandi tubandanya dusonzeshwa. Nta bitoro bikiboneka, kwiyunguruza ntibishoboka. Ifaranga rimaze gutakaza agaciro ijana kw’ijana, turicwa atacamira, turapfungwa atacamira, benewacu baranyuruzwa bakagenda amazimayongo tukabura n’ibiziga ngo tubashingurane iteka. Ndugaye twa mugina.
Ubwo butumwa ntibugarukira ngaho gusa. Burabandanya buti. Nduguruye twa mugina. Ibintu vyose vyankenerwa dukenera kwisoko ibiciro vyaraduze. Aho kuturonkera inyishu yivyo bibazo umukuru w’igihugu abandanya ku twitamba kumuvyimba, kubera agahimbo kivyo atunze, nkuko avyivugira ko atawumurusha ubutunzi be n’akaboregwe k'ubutegetsi. None turindiriye iki kugira ngo duhaguruke tuvyanke ?? umuntu atinya ingwe, ntatinya iyamwinjiranye. Ndugaye twa mugina.
Hamwe mu bibanza uruganda rwa Radio-Haguruka rwashoboye kumenya ko izo mpapuro zahatowe, naho bita kuri Place, hasanzwe harashinzwe icibutso n’umugambwe CNDD-FDD, citirirwa igicaniro c’Imana. Ahandi ni kw'ibarabara rija i Muyinga rivuye mu gisagara ca Gitega, kuri UPJ hafi ya messe des officiers hamwe no ku Rutonde ugana ku masanganzira y’ibarabara rya Gitega-Karusi na Gitega -Ngozi.
Nayo, umwe mu banyagihugu twaganiriye wo ngaho mu ntara ya Gitega, yatumenyesheje ko izo mpapuro bazibonye ko mugabo batazi abazitaye abaribo. Kubwuwo munyagihugu ati naho duhimbaza intahe yo kwikukira ati ntakwikukira kuhari kubera ibibazo bitandukanye dufise. Uwo munyagihugu amenyesha ko kuba hari abantu bahisemwo gutanga izo mpapuro zitagirako umukono, ngo n'ukugaragaza akababaro kubera atayindi nzira babona basigaranye yo kwerekana no kugaragaza akababaro.
Abandi barundi nabo twaganiriye, bamaze kubona izo mpapuro, nka bose batubwiye ko atakindi babona gisigaye kiretse guhaguruka bakiyamiriza intwaro ya Varisito Ndayishimiye, ngo kuko ahibagejeje ngw' arahantu batari bwigere bagera. Ubwo butumwa bwasohowe nabo bantu bakaba babushigikiye ngo kanatsinda ngo nta n'abantu benshi bagize ico babuvugako ngo kuko ivyo buvuga ari navyo basanzwe babayemwo. Mu bajejwe intwaro i Gitega ntitwashoboye kuronka uwugira ico ashikirije ngira nuko bari mu vy' umusi mukuru.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.