Abamenyeshamakuru babandanya kuburabuzwa mu Burundi, inyuma yabavundiye mu munyororo, na Gerard Nibigira ariko aratotezwa i Gitega
Amabi akorwa n'ubutegetsi bwa Varisito Ndayishimiye abandanya kwiyamirizwa n'abanyagihugu. Kuri uyu w'Imana uheze, mu ntara ya Gitega, umumenyeshamakuru Gérard Nibigira akorera Radio-Télévision Isanganiro mu ntara ya Gitega yarakubaguwe n'uwurongoye igipolisi muri komine Gitega Jean Prime Ndikubwayo atako aramupfunga ivyo vyabaye mu gihe uwo mumenyeshamakuru yariko afata amasanamu y'abanyagihugu bariko barakubagurwa n'uwo mukomiseri nyene.
Charles Makoto avuga ko biteye isoni ibintu nk'ivyo bikozwe n'uwitwa ko ajejwe umutekano w'abanyagihugu. Asaba abamenyeshamakuru kudacika intege ngo bahave batinya kuza baratohoza amakuru bongera bayashikiriza abanyagihugu ataguhigimanga. Uwo arongoye Radio Télévision Isanganiro arabaza abategetsi b'uburundi ko bitagishoboka kw'abantu bamenyeshwa amabi akorerwa mu ntara ya Gitega, umukuru w'igihugu avukamwo mu gihe n'uwurongoye igipolisi muri iyo ntara Evariste Habogorimana Nawe yaheruka gukubagura umumenyeshamakuru w'ikimenyeshamakuru Iwacu.
Mu gitondo co kuri uyu wa kabiri, komiseri Jean Prime Ndikubwayo yemeye ko ariwe agifise terefone z'uwo mumenyeshamakuru Gérard Nibigira. Avuga ko ariko arazisuzuma kandi vyose ngo bizokwandikwa. Uwo atwara igiporisi muri komine Gitega amwagiriza ko yamwararaje mu kubwira Bob Rugurika ko komiseri ariko aradandaza igitoro ca magendo. Jean Prime Ndikubwayo yemeza ko arivyo Rugurika yaciye yandika ku rubuga rwiwe rwa X. Gérard Nibigira arabihakana avuga ko ataho bifatiye kuko uwo Rugurika atawe bigera bandikiranira, ndetse ko ata n’inomero ziwe afise.
Ku munsi w’Imana, umumenyeshamakuru Gérard Nibigira yari ku gituro bivugwa ko hariko haratangwa igitoro mu kajagari. Ni naho komiseri yaciye amwaka terefone ziwe, aramukubagura yongera amupfunga ikiringo c’amasaha arenga atatu, amwagiriza ko yafashe amasanamu. Abanyagihugu babona KO abategetsi bakora amabi bagaca bipfuza kw'adashirwa ahabona.
Vyanditswe na Aline Munezero.