• Home
  • ACTUALITÉS
  • Wa mugambi wa leta « BOSE BIGE » wo kugaburira abana kumashure, bamwe mu bavyeyi bavuga ko basanze uzotuma abavyeyi ataco bimarira

Wa mugambi wa leta « BOSE BIGE » wo kugaburira abana kumashure, bamwe mu bavyeyi bavuga ko basanze uzotuma abavyeyi ataco bimarira

Nkuko bivurwa n’abanyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi, abavyeyi bafise abana biga mu mashure baridogera umugambi wa leta ufashw n’ishirahamwe CRS « BOSE BIGE ». wo kugaburira abana kumashure, ngo kuko benshi murabo bavyeyi basanze ari uwuzotuma abavyeyi ataco bimarira.

Abo bavyeyi bagasigura ko kubona inkwi zoguteka ivyo bifungungwa, zironderwa zikongera zigasenywa nabanyeshure bafadikanije n’abavyeyi, guteka ivyo bifungugwa bitegekanywa kuzokogwa n’abavyeyi, hanyuma umuvyeyi agaheza ntafungure kurizo mfungurwa yasenyeye inkwi akongera akaziteka, ngo n’ibintu bitagira uko vyitwa nuko vyosigurwa.

Sivyo gusa, ngo kumva ko ivyo kurya bizosigara bizoca biseswa, ngo mugihe uwo mugambi ufashwe mumugongo n’umukenyezi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayishimiye, ngo mugihe abo bavyeyi bazoba biriwe gusenya bagaheza bakirirwa kwishure bateka ivyo bifungurwa, ngo n’ubukoroni ngo kandi ni nakarenganyo katagira uko gasa, ngo mugihe abo bavyeyi basanzwe bafise abandi bana bazoba basize muhira canke biga kuyandi mashure batazoba barose akanya ko kubategurira ivyo gufungura.

Kubwabo banyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi, mu myidogo yabo bakaba bavuga ko, nimba uwo mugambi utagira amahera yokugura inkwi noguhemba abakozi boguteka ivyo bifungurwa, ngo babona ko benewo bopfuma bawuhagarika ngo bakareka kubatesha umwanya narirya ubukene buri mumiryango bwokora amakara bugata.

Abo bavyeyi bakabandanya bavuga ko batumva ingene botegekwa gusenya no kuja gutegera abanyeshuri, ngo mugihe abakozi b’ishirahamwe CRS bakora muri uwo mugambi ngo basanzwe bahembwa amahera meshi cane. Ivyo rero bikaba ari navyo bituma abo banyagihugu  bavuga ko intwaro ya CNDD-FDD ngo bimaze kugaragara ko irimwo abantu bashobora kuba badakwije ubwenge ngo kuko atawuhanura uwundi muribo bafatiye kurivyo bintu bijanye nuyo mugambi. Bagaca babona ko hageze ko abarundi bose bova hasi bakayisenyura bataravye iki canke kiriya.

 

Inkuru na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !