Abarundi bakoresha imipaka uburundi buhana na Tanzaniya bategekwa kugura ikarata y’urucanco kunguvu izwi nka carte jaune ngo kuko izitangwa n’u Burundi zitizemewe
Nkuko tubishikirizwa n’abanyagihugu batari bake, ni uko abarundi bakoresha imipaka Uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya mu gusohokera cankemu kwinjirira ku mipaka uburundi buhana na Tanzaniya muri kino gihe ngo bafatwa nabi n’igipolisi ca Tanzaniya.
Mu makuru uruganda rwa Radio-Haguruka rwashoboye kuronka ruyakuye kubarundi bakorera ingendo mu gihugu ca Tanzaniya, intandaro yiryo hohoterwa rikorerwa abarundi, n'ikarata y'urucanco, (Carte international de Vaccination) ikunze kwitwa carte jaune itemerwa n’igipolisi ca Tanzaniya. Igipolisi ca Tanzaniya ubu kikaba kitemera izitangwa na Reta y’uburundi mbere bakagirako bavuga ko izitangirwa mu burundi ko atagaciro zifise.
Nkuko ayo makuru twarose abivuga, umunyagihugu w’umurundi wese yerekanye ikarata yatangiwe mu Burundi, abapolisi ba Tanzaniya baca bayita mw'iyarara, bagaheza bagaca bategeka uwo murundi kuriha amashilingi angana n’ibihumbi mirongo itatu (30000sh) ndetse bagaca bategekwa no guterwa urwo rucanco kunguvu. Abo barundi muri kino gihe bakaba basigaye babona ko ivyo bakorerwa ataho bitandukaniye n’amabi canke ihohoterwa bakorerwa.
Sivyo gusa, abo barundi, umuntu wese agize ngo arabaza ivyo bintu ivyarivyo, ngo baca bamusubiza inyuma canke bakamupfunga bigahava bimuviramwo guheba no guhagarika urugendo yaragiyemwo mu gihugu ca Tanzaniya. Mwomenyako ivyo bikorerwa ingenzi zose zivuye canke zigiye mu Burundi zikoresheje umupaka uburundi buhana n’igihugu ca Tanzaniya.
Mugihe rero uburundi busanzwe buri mw’ishirahamwe ry’ibihugu bigize umuryango w’ubuseruko, kandi bukaba buhuriramwo n’igihugu ca Tanzaniya, abanyagihugu barababazwa no kubona bafatwa benuko ngo kuko basigaye bakurwa mu bandi kumirongo batonze, aho gushirirwamwo ikidodo ca mureke arengane mu gitabo c’inzira (Pasport) ngo bagashirwa kur'uruhande nayo abandi bava mu bindi bihugu bakarengana umurundi nawe ajumarariwe. Bakibaza ico abategetsi buburundi bariko barakora bikabasiaga. Nayo akamuna kuribo, ngo ni ukubona umuntu ategekwa guterwa urushinge atavyiteguriye kandi babanje kumuhohotera mugihe batanazi ko nizo nshinge baterwa zoba zikwije ibisabwa.
Kubwabo barundi, bakabonako intwaro ya CNDD-FDD, ngo aho gutera iteka uburundi mu makungu, ngwibandanya yerekana isurambi uburundi bufise mu makungu, gushika naho n’impapuro zitanzwe na Reta zitacemerwa hirya no hino kwisi. Aho bigeze ngo harageze ko Reta nkiyo yobavako hakaboneka iyindi Reta ishobora kubahwa mu makungu kugira ngo isubize iteka igihugu cambuwe na CNDD-FDD.
Inkuru yanditswe na Nancy Ninette MUTONI.