• Home
  • ACTUALITÉS
  • Aho gukora ibishoboka vyose kugira ngoasabe Reta y’uburundi gukemura ikibazo c’ibitoro kiriko kiratera ibibazo, Umuhuza w’abarundi asaba abarundi kugenda n’amaguru

Aho gukora ibishoboka vyose kugira ngoasabe Reta y’uburundi gukemura ikibazo c’ibitoro kiriko kiratera ibibazo, Umuhuza w’abarundi asaba abarundi kugenda n’amaguru

 

Aimée Laurentine Kanyana ni Umuhuza w’abarundi, mu nama yagiranye n’abarongoye abandi muri komine mukaza iri mu gisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru w’ubutunzi, yahamagariye abarundi kugenda n’amaguru ngo kugira ngo bakemure ibibazo vyo kwiyunguruza. Nayo mugihe gushobora kuronka bus mu gisagara ca Bujumbura muri kino gihe bisigaye bisaba umwanya munini cane,  Umuhuza w’abarundi avuga ko hako baguma barindiye ama bus amasaha n’amasaha, Abasore ngo bakwiye kwambara ama souplesse, Abakenyezi bakambara ama boubou ngo baheze bahacanganye n’ibirenge hako baguma barindiriye ama bus.

Akoresheje imvugo yagahemo, agasuzuguro nakagaye, Aimée Laurentine Kanyana yarifatiye mugahanga urwaruka ngo rumara amasaha n’amasaha rurindiriye ama bus abunguruza, ngo niyo boba bafata urugendo rwo muri Zone ya mu kinama ngo kandi boshobora gushikayo n’amaguru ngo mugihe boba bambaye ama souplesse gusa. Muri ako gacemeto akaba yavuze ko nawenyene ngo yoshobora gushikayo n’amaguru. Eka ngo n’aba mama nabo nyene arazi ko boshikayo ngo bopfa kuba biyambariye boubou gusa n’akarato ko hasi ngo vyoba biheze.

Bamwe muri abo barongoye abandi muri komine mukaza bashoboye kumukwirikirana, bakaba baratangajwe n’amajambo yashikirije, mugihe bari bamwitezeko nyabuna ko yogira ico akoze mugushobora kubashikanira ikibazo kuri Reta y’uburundi akavuga amagorwa abanyagihugu bagowe. Kubwabo bakaba bavuga ko nimba koko ari umuhuza w'abarundi, ngo yarakwiye kumenya amagorwa abarundi barimwo kubera ikibazo c'igitoro n'icatumye kibura, ngo kuko ivyo vyose bisanzwe biri mu nshingano ziwe.

Abandi nabo bakaba bavuga ko badatahura inyifato y’abategetsi b’uburundi iyariyo, ngo kuko nka Aimée Laurentine yarakwiye kumenya ko imodoka yirirwa aragenderamwo itigera ibura igitoro, ko ico gitoro akoresha kiva mu makori abanyagihugu birirwa baratanga. Ngo ntiyarakwiye rero kubashinyagurira mu kuvuga ko yoshika mu kinama n'amaguru.

Tubibutseko ikena ry’igitoro mu burundi, ryatumye haba ikibazo kitoroshe mu kwiyunguruza haba hagati mu gihugu ndetse no mu gisagara hagati. Nayo abategetsi b’uburundi bikaba bimaze kwibonekeza ko kino kibazo cabateye kuwamazi, umuntu afatiye kunyishu zitandukanye umwe n’uwundi bakunze gutanga zitagira umutwe n’amaguru kurico kibazo.

 

Inkuru yanditswe na Aline Munezero.

Partager cet article !