• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abavyeyi barereye ku mashure ya Ecofo Ruyigi yambere na Ecofo Ruyigi yakabiri, baridogera abayobozi bayo mashure ko babatangisha amafaranga adakenewe no mu bintu bidakenewe

Abavyeyi barereye ku mashure ya Ecofo Ruyigi yambere na Ecofo Ruyigi yakabiri, baridogera abayobozi bayo mashure ko babatangisha amafaranga adakenewe no mu bintu bidakenewe

Ishure Nshingiro (Ecofo) Ruyigi yambere hamwe n’Ishure Nshingiro (Ecofo) Ruyigi yakabiri, ni amashure ari mugisagara ca ruyigi, igisagara kiri muri Komine n’intara ya Ruyigi. Ayo mashure akaba aherereye neza na neza musi yisengero rya catholika. Nkuko bivurwa n’abavyeyi barereye kuri ayo mashure, ngo Abayobozi bayo mashure, bamaze igihe uko umwaka utashe basaba abavyeyi kuriha amafaranga adasiguritse ico bayakoresha, mbere bakaba basigaye bikeka ko amafaranga basabwa yoba ariyo bikubikubitira kumufuko.

Nkuko bibandanya bishikirizwa nabo bavyeyi, batanga akarorero kamafaranga abo bayobozi baherutse gusaba abavyeyi, bababwirwa ko arayo gukoresha mu gutunganya ubwiherero (toilettes) bwabigisha. Ngaha rero umuvyeyi wese akaba asabwa kwishurira umunyeshure wese amafaranga agera ku bihumbi  bine (4000). Vyumvikana ko umuvyeyi afise abana batanu aca atanga amafaranga agera kubihumbi mirongo ibiri (20000vyamafaranga y’amarundi.

Kubwabo bavyeyi, ngo n’igituma bariko baridogera iyo ngingo, ngo nikubera no mu mwaka wishure uheze, ngo bari batangishijwe ayandi mafaranga agera kubihumbi bibiri (2000), ico gihe bakaba babwigwa ko arayo gukora ubwiherero (toilette) bwabanyeshure. Yamara ngo naho ayo mafaranga bayatanze, ngo umwaka warinze uhera atanikinogo ca metero imwe cimbwe. Abo bavyeyi kandi batubwiyeko ayo mahera y’ubwiherero basabwa bwabigisha, ngo ari amahera menshi cane ngo umuntu aharuye abana biga kuriryo shure, ngo na cane cane ko ikirasi kimwe kirimwo abana barenga mirongo ine (40) kubirasi 15 bigize ayo mashure.

Sinivyo gusa, abo bavyeyi baribaza igituma aribo boriha amahera yogukora ubwo bw’iherero (toilette) ngo mugihe bene kuzoyakoresha basanzwe bahembwa na leta. Kurivyo rero twagerageje kurondera abo bayobozi bavurwa murayo manyanga, kugira ngo tubabaze kuriyo myidogo yabavyeyi barereye kurayo mashure, umuyobozi wa Ecofo ruyigi 2 Aimé Mudende, yatubwiyeko iyo ngingo bayumvikanyeko n’abaserukira abavyeyi. Ariko rero abavyeyi bobo bamenyesha ko atavyo bigeze bumvikana, ngo ahubwo biriko birakogwa kunyungu zakagwi kabantu bake harimwo na umuyobozi w’indero muri Komine Ruyigi (DCE-ruyigi).

 

Inkuru yanditswe na Jeannette KAMIKAZI.

Partager cet article !