Nta murwi w’igihugu w’igenga uri mu burundi, ahubwo hari umurwi ukingira Reta y’uburundi gukorera amabi abarundi.
Ivyerekana ko wa murwi w’igihugu witwa kujejwe agateka kazina muntu CNIDH, ataco umariye abarundi, bibandanya kwibonekeza. Nubu hari abana babiri b'abahungu batarakwiza imyaka yo gupfungirwa hamwe n'abakuze, bamaze iminsi bapfungiwe mw' ibohero rikuru ry'abagabo i Ngozi. Umwe ahamaze indwi zibiri, uwundi nawe indwi zitatu. Bose uko ari babiri batanguye gupfungwa na parquet ya Kayanza, imbere yuko bungururizwa aho mw' ibohero rikuru ry'abagabo i Ngozi.
Umwe muri abo bana yitwa Niyonkuru Rodrigue avuka mu gacimbiri Gitangaro, ku mutumba Gatara, komine Rango mu ntara ya Kayanza. Abanyoro aho i Ngozi baratangazwa n' ingene abo bana bapfungiwe mu bantu bakuze mu gihe ibohero ry' abakiri bato bita Mineurs mu gifaransa riri mu ntara ya Ruyigi.
Abapfungwa bo mw' ibohero rya Ngozi baratangazwa kandi n' ingene bizwi kw' ata bana bapfungirwa hamwe n' abakuze yamara abarongoye ibohero rikuru rya Ngozi bakemera kwugurura abo bana bakinjizwa muri iryo bohero. Abo banyororo ngo bararindiriye k' umugwi w' igihugu CNIDH witwa ko ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi canke amashirahamwe aharanira agateka k' abana ko yishikira aho mw' ibohero i Ngozi kubaza ivyabo bana barahebura.
Kubwabo banyagihugu, basaba abarongoye ayo mashirahamwe hamwe n' umugwi w' igihugu CNIDH kuva hasi bavugire abo bana bapfungiwe mw' ibohero rikuru ry' abagabo i Ngozi. Bamwe mu banyoro bapfunganywe n'abo bana bemeza ko igihuhu c'uburundi kitazopfa gifashe umurongo mwiza ku ntwaro y'umugambwe CNDD-FDD ngo kuko ntawuvuga kw' ukwo gupfungira abo bana mu bakuze ari ukwihenda. Umwe afise imyaka 16 uwundi imyaka 15. Basaba abarundi bataratwarwa mw' ibohero n' ubutegetsi bukomoka kuri CNDD-FDD guhaguruka batabare igihugu nabo batarahezwa ku karenganyo mu buroko.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.