• Home
  • ACTUALITÉS
  • Uburundi burakeneye indongozi z’ukuri, kuko abo dufise ngo n’abacangero

Uburundi burakeneye indongozi z’ukuri, kuko abo dufise ngo n’abacangero

Umuntu aguma abona kw' intama zihaze kandi zoshonje, uwo ntakwiye kwitwa umwungere, akwiye gutanga imihoho, ngo n'umucangero. Biherutse gushikirijwe na Padiri Viateur Ntarataze mu nkuka ya misa yo kuri uyu w' Imana igenekerezo rya 21 Mukakaro 2021. Ni mu gihe muri Ekleziya gatolika bari baramutse bazirikana ijambo ry' Imana ry' umugani Yezu yaciye akoresheje amajambo y' umwungere mwiza.

Intama ziguma zanitse amenyo zitondeye iki na kiriya zitari bukibone, indongozi yazo nayo ikaguma igiriti ni vyiza, ni vyiza, intama ngo nuko zitaryana ngo nayo ubundi zoriye amenyo indongozi yazo iteye ityo. Umwungere aguma asasīra ngw' intama zirahiriwe kuko we abona ko ataco abuze, uwo si umwungere mwiza. Umwungere mwiza yitwararika intama ziwe mu magorwa no mu mahirwe, akabona ko zinezerewe, bakayaga.

Ico abungere bakwiye kurabira kuri Yezu ngo n' ukuremesha intama. Intama sizo kwama zikubitwa, ziturubikwa, ziterwa ubwoba. Iyo zifashwe gutyo ziragotwa, zikihebura, zikonda, zigahahamuka bigatuma zigira umutima mubi, umwimbu mubi mbere zimwe ngo zigata zikomoka izindi zigahwera. Ku bwa Padiri Viateur, abana b' Imana bakwiye kutaremeshwa gusa mu majambo, bakwiye no kuremeshwa mu bikorwa biboneka. Abatuma intama zigorwa, impera n' imperuka umukama azobahongora amenyo.

Bamwe n' abandi mu barundi bakaba babona ko mu bungere arizo ndongozi z' igihugu zitanezwe intama zishinzwe aribo banyagihugu. Ngo hakwita ku kurondera igiteza imbere abanyagihugu, izo ndongozi ngo zirabashinyaguriza gusa. Cambu ca Padiri, indongozi nk' izo ngo zikwiye gutanga imihoho, bitabaye ivyo, abanyagihugu ubwabo bakava hasi bakazisezerera.

 

Inkuru yanditswe na Ninette Nancy MUTONI.

 

 

Partager cet article !