• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ntezimana Jean Marie, yaranyurujwe, umuvyeyi wiwe akaba n’umupfakazi Ndimurusaku Capitoline aritaba Imana

Ntezimana Jean Marie, yaranyurujwe, umuvyeyi wiwe akaba n’umupfakazi Ndimurusaku Capitoline aritaba Imana

Nuyu musi ku mutumba wa Ruyaga, agacimbiri Gikangaga, komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura, hari umunyagihugu azwi ku mazina ya Ntezimana Jean Marie yaburiwe irengero muriyi ndwi twaraye turangije mu gihe yarari mu gisagara ca Bujumbura ku musi wa gatanu igenekerezo Rya kabiri za kuno kwezi kw'umunani 2024 imbere y'umutaga.

Inyuma yinyuzwa ry’uwo munyagihugu Jean Marie, ivyakwirikiye akaba ari uko umuvyeyi wiwe akaba n’umupfakazi Ndimurusaku Capitoline kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 04 Myandagaro 2024 nawenyene yaciye yitaba Imana. Nkuko amakuru dukura kuri uyo mutumba abivuga, urwo rupfu rubabaje rukaba rwaturutse kw'ivuduka ry' umurindi w'amaraso  ryabaye inyuma yo kwumva ko umuhungu wiwe yitwa Ntezimana Jean Marie yaramutunze ko yaburiwe irengero.

Abanyagihugu bo mu Gikangaga bakaba batabariza uwo Jean Marie Ntezimana ng'ubuzima bwiwe ntibuzimangane. Muri kino gihe abanyagihugu baho bakaba bari mu mubabaro n'agahinda kubera urupfu rwiwe. Bamwe n'abandi mu bamaze kwumva iryo bara, babicishije kuri radio haguruka bamenyesha ko ivyo kunyuruza abanyagihugu kuri ino ntwaro ya Evariste Ndayishimiye vyimonogoje. Uwo Ntezimana Jean Marie ngo nta bandi bomubazwa atari urwego rw'iperereza ry'uburundi ngo rukorera mu gisagara ca Bujumbura.

None vyoba aribiki bituma abanyagihugu banyuruzwa agasakisaki abandi bagandagurwa mu ntara ya Bujumbura buri musi ? ico n’ikibazo abanyagihugu batari bake bo mu ntara ya Bujumbura bibaza, mugihe muriyo ntara ivyo kunyuruza abantu biri kumurindi uteye ubwoba, kuko atamisi ishobora guhera hatabonetse umunyagihugu anyuruzwa. Ariko kandi uretse ibibera muriyo ntara, no muzindi ntara abantu ntibasiba kunyuruzwa burimusi.

Abanyagihugu bakaba badakekeranya mu kuvuga ko intwaro ya Evariste Ndayishimiye ariyo ntwaro yambere ibakorera amarorerwa gusumba izindi ntwaro zose bari bamaze kubona mu Burundi.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !