Kuki ibidukikije biguma vyononekara mu Burundi ?

Uyu musi nagomba turabira hamwe ivyerekeye ibidukikije (environnement) ingene biguma bimera nabi kubera itunganywa ribi ry’imicapfu (mauvaise gestion des déchets).

Biragoye kuvuga vyose mu bitagenda neza mugabo uno munsi nashaka kubaha akarorero k’ikiyaga ca Tanganyika. Le lac Tanganyika ni itunga ridasanswe ku gihugu cacu, premier résevoir d'eau douce en Afrique, ama plages meza kandi harimwo ubwoko bwinshi bw ifi n'ibindi bikoko. Ayo mazi n'ibikoko birabangamiwe cane kuburyo mpora nibaza ko zirya fi duhora turya zitazoturwaza.

Evariste Ndayishimiye araza ngo dukore isuku ariko akiyobagiza ko ama usines asuka ama imicapfu (les déchets) yazo muri Tanganyika, iyarara presque ryose rya Bujumbura riherera ku Buterere aho usanga ata tri yabaye ivyo bigaca biza kwonona nappe phréatique, ubundi bucafu ubusanga mu nzuzi zisuka muri Tanganyika, les eaux usées ziva mu ma quartier igice kinini ntigica muma stations d'épuration, mwibuke ko tanganyika icamwo n'ubwato nabwo nyene busigamwo ubucafu etc. Bavuga ko muri 2030 Tanganyika izoba iri très pollué.

Umuntu yihweje ibintu biriko birashikira Uburundi twese turabona ko bibabaje cane gose. Ukaba ushaka kurya agafi kameze neza, ukaba ushaka ko incuti twasize i Burundi zinywa amazi meza, ukaba ushaka ejo kuja kuri plage ukoga mu mazi meza, ukaba ushaka gukingira itunga ridasanzwe Tanganyika n’ugusigira iragi ryiza générations zizoza, haguruka muze dukureho intwaro ya CNDD-FDD amazi atararenga inkombe. Kandi ibi bintu tubisangize abarundi bakanure ntibasubire guhendwa nayo majambo y’ububeshi y’abategetsi bo muri CNDD-FDD (les discours mensongiers et populistes du CNDD-FDD).

Vyanditswe na G.V.

Partager cet article !