• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ubwicanyi bwabaye mu mwaka w' 1972 naho budakorwa kumwe, imvo ngo zibe zimwe, busa n' uburiko burakorwa n' intwaro ya mugambwe CNDD-FDD

Ubwicanyi bwabaye mu mwaka w' 1972 naho budakorwa kumwe, imvo ngo zibe zimwe, busa n' uburiko burakorwa n' intwaro ya mugambwe CNDD-FDD

Nkuko vyumvikana mu ntahe y’umunyagihugu  Louis Bakanibona y' ivyabaye mu mwaka w' 1972, uwo munyagihugu aba mu Rumonge ariko akaba yavukiye ku mutumba Bitezi, komine ya Matana, intara ya Bururi mu 1948 igira iti: Nduguruye  twa mugina « Nanje narabonye vyinshi mu buzima, ariko narigiye cane ku magume yo mu 1972. Yabaye ndiko ndashika mu bigero. Nari mu myaka 24. Nari umumenyeshamana muri Paruwase ya Butwe, Diyoseze ya Bururi. Sinovyibagira, kuko vyaramajije umwaka wose ndara mw’ishamba, utagira ngo ndabuze aho nkika umusaya.

Ivyagiye birashikira Uburundi bifise umuzi uri kure cane. Ivyanje novuga ko vyatanguye itariki  31 Ndamukiza  mu 1972. Ico gihe, hari abantu bagandaguye abandi benshi babahora ubwoko. Baraza bakagutora aho uri, bakaja kukwicira mu kinyegero. Naje narashikiriwe ku rutonde, ariko biranka ko bampurizako. Bamwe ngo uwo atwigishiriza ijambo ry’Imana abana, tumureke. Abandi nabo ngo ni twamureka, niwe azotwagiriza.

Babonye nsigaye ndi umwe, barahavuye barahuriza ku ngingo yo kunyica nanje. Umwe  muri bo tudasangiye ubwoko, yaja mu manama yabo, aramburira ko arije nshikiriwe ku rutonde.  Yarambwiye n’isaha baza kuzirako kuntora. Uwo musi, naratonze kw’ishure kwigisha ijambo ry’Imana, abanyeshuye bagiye gukina, nca ndabwira umuyobozi ko yompa uruhusha nje kwivuza. Vyari bitegekanijwe ko baza kuntora muri ayo masaha nyene. Umuyobozi yaranyankiye, ariko nca ndomoka, nihereza ishamba.

Aho nari, narumvise ko bahereye mu ntara z’Imbo, sinatumberayo. Nafashe agahinga, nja mu myonga. Imodoka y’abasoda yari ije kuntora, nayibonye ndenze umutumba wo hakurya. Narara ndagenda. Bwije, bwaba bukeye kuri jewe. Ku murango nkaraba aho nyegera. Umwaka wose waraheze ndara, nkongera nkirirwa mw’ishamba jenyene. Ndushe, ndateba ndandikira Diyoseze Bururi ndayimenyesha ko nkiriho.

Mu guhana ubutumwa, nari mfise ahantu naterera ikete, uwundi muntu nasize ndabibwiye ko atabonye agakete kanje kazoba karabaye, niwe yarinjanira. Mu nyuma akazana inyishu, agashira ha handi nyene. Baranyishuye bambaza aho ndi n’ingene bomfasha. Nca nsaba ko bonkura mu ntara kama ya Bututsi, bakanjana ahandi. Twarahanye isango, barungika umupatiri aza kuntwara mu Rumonge, mbona gukira uko.

Ndashimira abari barongoye Dioyeseze Bururi kuko baramfashije kurokoka. Ndashimira kandi n’uwo wundi tudasangiye ubwoko yamburiye ko bazoza kuntora ngo banyice. Hamwe rero n'uwafasha gutanga amakete ndi mw'ishamba, nawe yarahabaye. Ndugaye twamugina ».

Ico nobwira abacaruka ubu, ni uko batokwita ku bibatandukanya canke ivyo basana n’abandi, ahubwo, umwe wese yokwitaho kugirira neza uwumwegereye, twese tukaroranirwa. Murakoze !

Abanyagihugu badusangije kuri iyo ntahe bavuga ko basanga ubwicanyi buriko bukorwa ku ntwaro ya CNDD-FDD bukorerwa abarundi ari co kimwe n' ubwakorewe abarundi muri nkahise bafatiye kuri iyo ntahe ya Louis Bakanibona. Icahinditse gusa, ni ibifatirwako kugira hapfundikwe ingingo yuko umuntu yicwa. Igitandukanye cane ku bwabo, ngo nuko ku ntwaro ya Micombero umurundi yicwa kubera ubwoko bwiwe, nayo ubu ku ntwaro ya CNDD-FDD kuva mu 2005, abanyagihugu bo mu bwoko bwose barashigwa ku ntonde z' abicwa cane cane n'indongozi z' umugambwe CNDD-FDD canke imbonerakure zigahereza izo ntonde zikashikirizwa abakozi b' iperereza nabo bagakora akazi ko kunyuruza abashizwe ku ntonde bakicwa mw' ibanga nta ngere, ibiziga vyabo ntibiboneke, naho bivugwa, abajejwe ubutungane bategekwa n' abatwara igihugu bakabifata nk' ibintu batumvise canke bitajanye n' akazi kabo kuko vyose bikontorogwa na système imwe ya CNDD-FDD.

Muri iyo myaka yose, amarira n' agahinda vyuzuye imishaha y' abarundi isinzi. Ubwicanyi bumaze gukorerwa abarundi n' ubutegetsi bwa CNDD-FDD mu myaka igiye gukwira 20 busumba kure ubwakorewe abarundi mu kiringo kimwe co mu mwaka w' 1972. Abapfungirwa ubusa barapfungwa, n' abamaze kwangazwa basumba kure niyo abangajwe mu 1972.

Nkuko vyashitse abarundi bagahaguruka bakwarwanya intwaro zo muri kahise zigandagura abantu zitwaje igikenye, n' uyu musi abo banyagihugu badusangije iyo ntahe ya Louis Bakanibona basaba abarundi kutarambirwa no kurwanya intwaro z' agahotoro, bahaguruke basezerere intwaro ikomoka ku mugambwe CNDD-FDD ngo nayo nyene yamaze abantu gushika baronse intwaro ihumuriza abarundi bose.

 

Vyanditswe na Don de Diue MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !