Abatavuga rumwe na CNDD-FDD, babandanya gutotezwa no gupfungwa agasakisaki
Uwuserukira umugambwe CODEBU muri komine yagutse ya Ntahangwa, ajejwe no kumenyesha uwo mugambwe mu ntara nshasha ya Bujumbura, Eric Nduwimana arapfunzwe kuva kw' igenekerezo rya 21 Myandagaro 2024. Apfungiwe mu Gatabo muri komine yagutse ya Kiganda aho yapfungishijwe n' uwutwara urwaruka rw' imbonerakure muri komine yagutse ya Kiganda.
Ico uyo ari mu ndongozi za CODEBU yahowe, n' uko impapuro z' umugambwe CODEBU zamwiyatse zirakoroka ageze aho mu Gatabo, umuyaga urazisanzaza, indongozi zimwe z'umugambwe CNDD-FDD zibibonye zica zimusimbirako ziramukubagura kugezaho zimupfungisha. Umugambwe CODEBU usaba irekurwa ry' iyo ndongozi y' umugambwe CODEBU kuko iriko izira ubusa. Nkuko bisigurwa na Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU.
Bamwe mu bakurikiranira hafi uko indongozi z' umugambwe CNDD-FDD zitwara mu gihugu c' uburundi, bavuga kw' izo ndongozi zitwara nkuko umenga uburundi butegerezwa kubarizwamwo abanywanyi b' umugambwe CNDD-FDD. Izo ndongozi ngo zibagira ko mu Burundi higeze kubaho intwaro y' umugambwe umwe ko kandi uwo mugambwe utakiri ku butegetsi.
Kubwabo banyagihugu, bafatiye kuvyashikiye uwo munywanyi w’umugambwe CODEBU, babonako abategetsi bo muri CNDD-FDD, ngo bari bakwiye kwikebuka ngo kuko abarundi batazoguma bihanganira ugucurwa bufuni nq buhoro bakorerwa n' ubutegetsi bwuyo mugambwe.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.