Mbega inzira y'umuheto yoba ariyo isigaye yonyene, kugira ngo ibibazo uburundi burimwo bitorerwe inyishu?
Kuva mu mwaka wa 2015, uburundi bwarakorokeye mu vyago vyurwimo vyatewe n’umuhisi Petero Nkurunziza n’umugambwe wiwe CNDD-FDD, biturutse kukwiha ku nguvu ikiringo ca gatatu, cari kinyuranye n’ibwirizwa Nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha abarundi bari barumvikanye ari nayo yari yashikanye CNDD-FDD kubutegetsi. Ivyo bikaba vyaciye bituma igihugu cacu kija mu ruhagara n’akaga gushika nuyu musi.
Abantu benshi bakaba bamaze igihe bibaza ingene abarundi tuzobivamwo mugabo bikabasiga, kuko igihugu muri kino gihe bimaze kuboneka neza ko camaze guhenukira mu manga kandi kukivyura ko bizogorana gose.
Inzira y'ibiganiro :
Mu nyishu bamwe n’abandi bakunda kuvuga canke gutanga harimwo ibiganiro. Ababivuga bakemeza ko ibiganiro vyari vyiza ngo kuko vyoshikana kumahoro atamaraso arinze guseseka. Mu bakunda kubivuga no gushikiriza ibintu bijanye n'ibiganiro, twovuga imigambwe PPD-Girijambo, n’umugambwe MSD hamwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique. Iyo migambwe ngo yipfuza ko hotunganywa ibiganiro vyo kugira ngo abarundi bashobore kumvikana ingene mu burundi hotunganywa amatora meza atibwa, ngo kugira abanyagihugu ubwabo bashobore kwitorera ababarongora atagikenye n’agahotoro.
Mugihe umugambwe CNDD-FDD, ukunze kumvikana wagiriza iyo migambwe kwirondera ibiganiro vyo kugabura ibibanza, iyo migambwe yoyo ivyamirira kure, ikavuga ko atabiganiro vyamagaburanyama ikeneye ko ahubwo ibiganiro basaba kandi bakeneye, aribiganiro vyobashikana ku matora meza atarimwo ubusuma.
Ngaha rero biracagoye, kuko umugambwe CNDD-FDD n’intwaro iwukomokako, batavyemera. Ivyo ahanini bikaba bitumwa nuko CNDD-FDD imaze kumenya ko itoshobora gutsinda amatora batayivye, bitumwe nuko abanyagihugu bamaze guseserezwa n’amabi menshi batewe n’intwaro zose zikomoka kuri uwo mugambwe washikiriye ubutegetsi uvuye mw’ishamba. Kurivyo hakiyongerako CNDD-FDD ifise agasuzuguro karenze igipimo, kuburyo yumva ko ata biganiro yojamwo nabo yita abansi b'uburundi na cane cane iyo migambwe irongowe nabangajwe ubu bari mu buhungiro.
Inzira y'amatora :
Hari uwundi murwi w'iyindi migambwe ishira imbere amatora atabiganiro bibanje kuba. Iyo nayo harimwo za SAHWANYA-FRODEBU, UPRONA, CODEBU, iboneka ko isa niyirwanya ubutegetsi kandi isanzwe ikorera mu gihugu.
Ariko naho abarongoye iyo migambwe, bemeza ko abarundi bakwiye kugerageza mu kwitaba amatora, abarundi batari bake babona ko ari uguta umwanhya. Ababivuga bakemeza ko kuva mu mwaka wa 2010 ngo ivy'amatora ateguwe na CNDD-FDD vyamye ari akarogejegeza. Ngaha rero abantu bakibaza umukenyuro abo bavuga kuja mu matora bazokoresha kugire batsinde CNDD-FDD kandi bongere bayemeze kuva k'ubutegetsi, bikabasiga bakabona ko bisa naho ari indoto.
Petero Kalaveri Mbonimpa ari mu baharanira gateka kazinamuntu, ejo bundi mu kiganiro caciye k'umuhora wa X, yabwiye abarundi ko nubu ayo matora ategekanijwe mu mwaka wa 2025 hamwe no mu 2027, ko CNDD-FDD izoyiba. Akaba yavuzeko hari uwo bavuganye akora muvyo gucungera amatora, ngo yamubwiye ko azokora ivyo CNDD-FDD imubwiye ngo kugire ntabe nka Petero Kalaveri Mbonimpa.
Inzira y'umuheto :
Aha rero niho bamwe n’abandi bafatira mukuvuga bati, ko ibiganiro, amatora vyanse, bati inzira y'umuheto niyo isigaye yonyene, kugira ngo ibibazo uburundi burimwo bitorerwe inyishu.
Yamara kubera benshi mubarundi baseserejwe n’ingwano twaciyemwo kuva mu myaka yaheze, yo mu 1993, 1996 niyindi ntibipfuza ko tubisuramwo. yamara uko iminsi igenda naho ata bantu benshi bariko baricwa n'amasasi ntibibuza ko abantu bicwa n'inzara. Ibiciro biguma biduga, akazi ntikagenda neza kubera ibura ry'ibitoro, amasoko ahabwa bamwe, akazi ntikakiboneka mu gihugu, kuburyo nabari muri CNDD-FDD batagikwirwa.
Ubu rero abantu barabona ko atakindi barindiriye atari gupfa atagisigaye. Uwishwe n'inzara canke urusasi vyose ni gupfa. Mugabo hari abavuga ko bopfuma bapfa bariko bararonderera ineza igihugu. Abo uko iminsi igenda baguma barwira kandi umuntu yihweje neza niyo tuja. CNDD-FDD nayo nyene iramaze kubibona arico gituma ifise ubwoba kuko ejo batazi iyo bazoja rukamvye.
Barundi barundikazi mukaba hari incuti muzinanyi muri ivyo bihangage vya CNDD-FDD murabahanura biyumvire kabiri kuko n'intambara bakoze ntibigeze bayitsinda. Akaba ariyo nzira yanyuma bahaye abarundi bamenye ko urugamba rw'umuheto ruriko rurahinda ubu ntiruzobasiga.
Inkuru yanditswe na Gihugu Jr.