• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ubwo Reta y’uburundi ntiyibaza ko kubuza abanyagihugu kugaragaza ikibari kumutima, ko bizobabuza kuyiyamiriza ?

Ubwo Reta y’uburundi ntiyibaza ko kubuza abanyagihugu kugaragaza ikibari kumutima, ko bizobabuza kuyiyamiriza ?

 

Bibandanya kwibonekeza ko Reta ya Evariste Ndayishimiye ifise Ubwoba ko abanyagihugu bashobora kuva hasi bakiyamiriza intwaro yiwe. Akarorero, ni runo rwandiko duhejeje gukura mubiro vy’igisagara ca Bujumbura, rubuza abakukuruke kugira urugendo rwo kwerekana akababaro bafise ko kubona Reta y’uburundi yabashize mw’ibarabara yamara ntibarose utwabo nkuko amategeko abitegekanya.

Nkuko biboneka muri runo rwandiko twakuye mu buyobozi bw’igisagara, rwarungikiwe abakukuruke, rugahabwa amakopi Musitanteri wa Komine Ntahangwa n’uwurongoye igiporisi mu gisagara ca Bujumbura, basabwa nuwurongoye igisagara ca Bujumbura kubahiriza no gukwirikiranira hafi ibikorwa vyabakukuruke. Ivyo bikaba biri uko, mugihe abo bakukuruke bari basavye ko kumusi wahariwe abageze muzabukuru uzohimbazwa igenekerezo rya 05 Gitugutu 2024, ko bokoze urugendo rurimwo agacerere bitwaje n’ivyapa birimwo ivyo basaba Reta y’uburundi bitaratorerwa inyishu, kugira ngo bagaragaze umubabro mu kwerekana kuvyandiko vyabo ivyo basaba umukuru w’igihugu c’uburundi.

Mukubishura umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yanditse avuga ati : nduguruye twamugina « ivyo reta yabemereye bimwe bimwe bitaratorerwa inyishu, musabwe kubicisha munzira muhora mubicishamwo » ndugaye twamugina.

Ibi rero bikaba bije kugaragaza ko Reta yuburundi ifise ubwoba, ko umwanya uwariwo wose abanyagihugu bashobora guhaguruka bakagumuka bakanka kubandanya batwarwa bufuni nabuhoro. Ivyo vyose biruko mugihe ibwirizwa nshingiro, n’ayandi mategeko yose y’uburundi, bisanzwe birekurira abarundi kugira urugendo, imyiyerekano mukugaragaza umubabaro canke umunezero w’ibintu vyose bibari kumutima.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !