• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hari ababona ko abategetsi iyo baba abandi, ngo bari bakwiye gufuta umusi wo kwibuka Rwagasore, ngo kuko n’ubundi bawufuse mu bikorwa bakora

Hari ababona ko abategetsi iyo baba abandi, ngo bari bakwiye gufuta umusi wo kwibuka Rwagasore, ngo kuko n’ubundi bawufuse mu bikorwa bakora

Kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 14 Gitugutu 2024,niho abarundi bibuka imyaka 63 iheze incungu y'ukwikukira kuburundi Rudoviko Rwagasore agandaguwe. Ibirori vyo kumwibuka vyatanguriye kugushira ingori z'amashurwe ku ntatemwa yiwe iri ku musozi wa vugizo mu gisagara ca Bujumbura. Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye akaba ariwe yari kwisonga murivyo birori hamwe n'umukenyezi wiwe, hamwe n’abandi bategetsi batandukanye.

Inyuma yo gushira ingori z'amashurwe ku ntatemwa, haciye hakurikira igisabisho cabereye muri cathédrale Regina Mundi ahari hitavye n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abakuru mu nzego z'umutekano no kwivuna abansi hakaba hari kandi n'abo mu muryango w'umuhisi Ludoviko Rwagasore.

Bamwe mu mirwi itandukanye y’abarundi,  ntibabona kumwe ingene bamwe mu barundi bafata iragi rya Nyakwigendera Rwagasore. Mu mugambwe MSD, babona ko ibirori bitunganywa n’abategetsi b’igihugu, ataco bimaze ngo kuko uko igihugu kirongowe uno musi ngo bigaragara ko ataragi rya Rwagore ririmwo.

Nkuko bisigurwa n’umuvugizi w’uwo mugambwe, abicishije kurubuga rwiwe rwa X rwahoze rwitwa Twitter, Epithace Nshimirimana agira ati : Ibi umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye n'izindi nzego bakoze uno musi ngo bariko baribuka igandagurwa ry'umuganwa Rudoviko Rwagasore, ni ukuja kwifotoza hamwe n'uguhurira hamwe abategetsi bakihereza urukanywa gusa ntakindi. Kuko iyaba bamwibuka vy’ukuri ntibobuze n'umugambi n'umwe mu migambi Rwagasore yasize bokoze mu kumwereka ko bagendera iragi ryiwe.

Umuvugizi wa MSD akavuga ati, ehe namwe : Rwagasore ntiyipfuza umurundi yangara, none ibihumbi n'ibihumbi bigorewe mu gahinga. Ntiyashaka umurundi acugwa bufuni na buhoro none ehe raba  intwaro ya CNDD-FDD aho igejeje  abarundi itwaza igikenye n'agahotoro. Rwagasore ntiyipfuza na gato ko hari umurundi n'umwe uy’umusi  yogandagurwa nk’ibikoko n’abajejwe kubakingira. Yavuga ko imihimbiri, abasuma n'abambuzi atakibanza bafise,  ubu aho igihugu kigeze, iyo mihimbiri, abasuma n'abambuzi nibo bafise ijambo.

Epithace Nshimirimana, akabona ko iyo abategetsi baba abandi, ngo bari bakwiye gufuta burundu umusi wo kumwibuka, ngo kuko n’ubundi barawufuse mu bikorwa bakora.  Agahamagarira abarundi bose ko bakwiye kwikebuka bakavyanka.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

 

Partager cet article !