• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abanyagihugu baratanguye kwanka agasuzuguro kintwaro ya Evariste Ndayishimiye, muguhangana naba Plisi

Abanyagihugu baratanguye kwanka agasuzuguro kintwaro ya Evariste Ndayishimiye, muguhangana naba Plisi

 

Kuri uyu wa 16 Gitugutu umwaka 2024 mu ntara ya Muyinga komine Muyinga Zone Rugari, umutumba Gatongati, haraye habaye ibintu bidasanzwe aho abanyagihugu bahagurutse bakanka ko aba Polisi babasuzugura gushika naho bakoresheje inguvu bakomeretsa umupolisi azwi kumazina ya Ininahazwe Godlieve, yarahejeje kwiha ibara mu kugandagura arashe, umunyagihugu yitwa Mbarushimana Oscar azwi cane kuritazirano rya rya Zamburi.

Vyose vyatanguye igihe uwo mupolisi Ininahazwe Godlieve, arikumwe n’aba Pilisi babiri bakorana ku kirindiro co kumutumba gatongati, bikeka umunyagihugu yoba yinjiranye inzoga za Fraude, hanyuma ariruka arabasiga. Abo ba Polisi bashitse aho abanyagihugu bariko barivunira akanyota, baca batangura kubakarira bibaza ko boba banyegeje uwo munyagihugu yarahejeje kubasiga. Baca batangura kubashwanira abo banyagihugu nabo babazwa ningene bariko barababeshera ibintu batazi. Ako kanya induru hagati yabanyagihugu n’aba polisi ibirakomeye.

Ako kanya nyene wa mupolisi wumukenyezi Ininahazwe Godlieve, aca arekura umuriro atangura kurasa, amasase yariko arasohora, rumwe ruca ruhitana umunyagihugu yitwa Mbarushimana Oscar azwi cane kuritazirano rya rya Zamburi, abanyagihugu babibonye baca baramufata babanza kumwaka inkoho yariko ararasisha, hanyuma baca batangura kumukubita ata kubabrira, bakoresheje ico bahambije harimwo amabuye. Niko kuhakurwa n'abandi bapolisi baje gutabara kuko abo vyarikumwe bari aba Polisi babiri gusa (2), abo nabo babonye rugeranyeko bari baciye batemesha bariruka.

Mubintu vyaraye bibonetse aho hantu ariko bitari bimenyerewe, nukubona Abanyagihugu bahagarara bakagwanira inkoho umu Polisi arasishije umunyagihugu kugira ngo nawe bayimurasishe.  Muri kino gihe ikiziga ca Zamburi kikaba kikiri mu buruhukiro bw'ibitaro vya muyinga, nayo umu Polisi Godelieve akaba ariko aravurirwaho.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA

Partager cet article !