• Home
  • ACTUALITÉS
  • Uretseko atawovuga ko Reta yamanuye isukari kuko amafaranga 8000 ni 6000 atatandukaniro rihari, nivyakozwe bifise intumbero ya politike

Uretseko atawovuga ko Reta yamanuye isukari kuko amafaranga 8000 ni 6000 atatandukaniro rihari, nivyakozwe bifise intumbero ya politike

Ikiro c'isukari y'ihinguriro SOSUMO kigiye kugurwa amafaranga ibihumbi 6000 ku muguzi wa nyuma, kuva kuri uyu kane igenekerezo rya 17 Gitugutu 2024. Ico giciro cashizwe ahabona n'umushikiranganji w'ubudandaji. Marie Chantal Nijimbere mw' itangazo yasohoye rijanye n' isubirwamwo ry' igiciro c' isukari ihingurwa n' uruganda SOSUMO, asigura ko ico giciro reta y' uburundi yagikuye ku mafranga ibihumbi 8000 ku kilo kija ku mafranga ibihumbi 6000 ngo kuko reta yafashe ingingo zo kugabanya amakori n' amatagisi ku kidandazwa c' isukari.

Uwo mushikiranganji asaba abajejwe intwaro n'abaguzi b'isukari ihingurwa na Sosumo kumenyesha no gutuza abikika mu kiza mu rudandazwa rw'isukari ya Sosumo kuko isukari ya Sosumo ngw'igenewe gukoreshwa mu miryango. Tubibutse ko, ku wa 14 Nyakanga 2024, SOSUMO yari yashinze ko ikiro kigurwa ibihumbi 8000 kivuye ku 3300. Mu nyuma, umukuru w'igihugu yamenyesheje ko ico giciro ari kinini yisunze uburyo isukari iva hanze itwara,aca asaba ubushikiranganji bujejwe ubudandaji gusuzuma neza kugira ico giciro gisubirwemwo.

Mu gihe reta ibicishije ku mushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo ubudandaji ishikiriza ko bigaragara ko muri rusangi ibiciro vyo guhingura no kudandaza bitera biduga haba mu masoko yo mu Burundi canke mu masoko mpuzamakungu, bamwe n' abandi bavuga ko uretseko atawovuga ko Reta yamanuye isukari kuko amafaranga 8000 ni 6000 atatandukaniro rihari, ngo nivyakozwe bifise intumbero ya politike. Kubwabo ngo n' ubundi ico giciro kitazoteba kuduga na rirya uburundi ata mafranga y' agaciro ahagije bufise akoreshwa mukugura ivya nkenerwa mu makungu ngo hatume haba haragurwa ibikoresho bitabora bishirwa Muri stock ya Sosumo bitarazimba.

Ico bikoze, kumanura ico giciro ngo harimwo n' imvo za politike mu gihe himirije amatora, ngo ntibisevye umukuru w' igihugu yasavye kw' ugiciro kimanuka aca yemera kugabanya amakori n' amatagisi, ngo Ninaco gituma ivyo kumanura igiciro vyatevye. Ku bwabo barundi, ngo politike yo kumanura igiciro Akanya gato, ngo niyo kuryosharyosha abanyagihugu ngo hariho ibiriko birakorwa. Abarundi ngo botahura kw' ari ngombwa kurondera indongozi zikoresha politike iramba.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !