Red-Tabara n’igisirikare c’uburundi bariko baritana bamwana kuntambara bamazemwo iminsi
Umuhari Red-Tabara, wasohoye itangazo, aho umenyesha ko haheze ikiringo c'indwi imwe n'igice kirarangiye abarwanyi ba Red-Tabara bariko batana mu mitwe n' igisirikare c'uburundi gifashanije n'abamaïmaî. Izo ntambara ziriko zibera muri muri Kivu y' ubumanuko, mu gihugu ca Republika ya Congo iharanira intwaro rusangi, muri zone ya Itombwe mu bice vya Kaberukwa, Ngumiyano na Ibaciro. Biri muriryo tangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa 26 Gitugutu 2024, ryateweko umukono n'umuvugizi w' abarwanyi ba red-Tabara, Patrick Nahimana.
Nkuko bibandanya bivugwa muri iryo tangazo, abasirikare b'uburundi 45 hamwe nabo bafadikanije baramaze gusiga ubuzima muri izo ntambara. Murabo bamaze kuhasiga ubuzima harimwo Lieutenant-Colonel Simon Nyandwi, icegera ca commandant ajejwe ivy' intambara mu basirikare b' uburundi barungitswe muri kivu y' ubumanuko, ikirindiro gikuru cabo kikaba kiri ahitwa Minembwe, Lieutenant-Colonel Simon Nyandwi akaba yarungitswe aho muri Congo avuye mw' ikambi ya Mabanda. Abasirikare b' abarundi 32 bakomerekeye bikomeye muri izo ntambara baciye banyarukanwa I Bujumbura bashikizwa aho benshi bita Guantanamo.
Red-Tabara ivuga ko yongeye kubabazwa no Kuba itegerezwa kurwana n'abana b' igihugu bazira intwaro y'igikenye ya CNDD-FDD. Red-Tabara ikibutsa igisirikare c'uburundi ko gishobora guhitamwo kwanka gukorera imwe mu Ntwaro zirangwa n'ukwica muri kino gihe. Ukwirwanira kwa Red-Tabara ntikuzohagarara mu gihe cose intwaro ya CNDD-FDD izoba itaremera kuja ku meza y'ibiganiro vy'ukuri bihurikiyemwo bose hapfundikwe ingene hotunganywa amatora arimwo demokarasi, yigenga, ahurikiyemwo bose kandi abera ku mugaragaro.
Gaspard Baratuza avugira igisirikare c'uburundi, inyuma yo kubona iryo tangazo ryasohowe na Red-Tabara, ntiyigeze abeshuza na kimwe mu biri mw' itangazo, avuge n' imiburiburi ko Colonel Simon Nyandwi yahora akorera mw' ikambi yo mu Mabanda akiri muzima. Ico conyene kikaba catumye bamwe n' abandi babona kw' ivyavuzwe na Red-Tabara ari ukuri. Ico uwo avugira igisirikare c' uburundi yaciye amenyesha ku rubuga rwa x, yamenyesheje ko Red-Tabara yihutiye gusohora itangazo kugira yihoze amarira, hakugandarira abayo nkuko biri mu muco w'ikirundi.
Bamwe mu miryango y'abasirikare b'ababarundi bamaze gupfira mu gihugu kibanyi ca Congo bumvise ivyashikirijwe na Baratuza Gaspard, bamenyesheje Radio Haguruka babicishije mu nyandiko ko ivugo yiwe ariyo kibatamba ku mivyimba ngo mu gihe bamaze kumenya kw'ababo batakihari, batabimenyesheje imiryango yabo, ngw' icibagiwe co n' ikigandaro, ngo ndetse n' ibiziga vy' intwazangabo bitahukanwa mu gihugu, igihugu ngo ntikirigera gishinga na rimwe ikigandaro. Ku bwabo, igisirikare kirabesha, reta nayo nyene ikabesha. Intwaro ya CNDD-FDD ngw' irakwiye gusezererwa.
Tubamenyeshe ko kuva Red-Tabara isohora amatangazo, ni irya mbere umuvugizi w' igisirikare c' uburundi n' imiburiburi agize ico ashikirije kuri ayo matangazo akunze gusohoka.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.