• Home
  • ACTUALITÉS
  • Naho ariko ararenza imyaka ijana (100), akekwa gufata kunguvu akana k’imyaka itatu. Ubu ari muminwe y’inyamiramabi

Naho ariko ararenza imyaka ijana (100), akekwa gufata kunguvu akana k’imyaka itatu. Ubu ari muminwe y’inyamiramabi

Hari umutama ageze muzabukuru aba ku mutumba Ruhanza komine Giheta intara ya Gitega ari mu minwe y'inyamiramabi kuva ku muhingamo wo kuri uyu wa 28/10/2024. Yagirizwa ko yafashe ku nguvu umwana w’imyaka 3. Inkuru iriko iratangaza abatari bake bakavuga ko turi mubihe vy’imperuka.

Nkuko amakuru ava kuri uyo mutumba Ruhanza akanemezwa n'abajejwe intwaro muri Komine ya Giheta, amenyesha ko uwo Mutama yagirizwa iryo bara, ngo yari asanzwe ari umubanyi w'abavyeyi buyo mwana, ngo mukubikora yaragahamagaye ngo acatangura k'ukaganiriza niko guca agafata ku nguvu ngo araheza aragashurashuza.

Umwana amaze gutaha iwabo, ngo yagiye ararira. Abavyeyi bakabajije ico kabaye ngo kaciye kavuga ivyakabayeko. Abavyeyi ngo baciye bitura inyamiramabi, nazo zica ziranyaruka zifata uwo umutama. Bamaze kumubaza ngo nawe ntiyabihakanye babona kumuhagarika umwana nawe bamujana kwa muganga.

Iyo nkuru yatangaje abatari bake, bakibaza nimba koko umuntu iyo amaze gushikana imyaka nkiyo yoba agifise inguvu n’ubushake bwo gukora ayo mahano yamara bikabasiga aho bamwe babona ko isi igeze mubihe vy’imperuka. Hari n’abavuga ko uyo Mutama ngo yoba amaze iyo myaka yose atigeze yubaka urwiwe, mbere ngo akaba yabayeho aza arakora ubushurashuzi kuva akiri muto gushika nuyu musi.

Yaba abajejwe intwaro canke abanyagihugu bumvise iryo bara, bose basaba ko yohanwa biboneka mugihe yokwagirwa nico caha. Abandi bakavuga ko boraba imyaka afise ngo kuko ashobora kuba asigaye akora ibintu nk’ivyabana nyene bitewe n’ubusaza. Mwomenya ko amategeko ategekanya ko ico icaha gihanishwa umunyororo wogupfungwa guhera ku myaka 15 gushika ku myaka 20 hamwe n'ihadabu riva ku mafaranga 50.000Fbu gushika ku mafaranga 200.000Fbu.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !