Naho uburundi bwashikiriwe kurongora umuryango wa COMESA, abatari bake bariko baravuga ko atakintu nakimwe azomarira iryo shirahamwe kubera ubushobozi buke bw’umukuru w’igihugu c’uburundi
Nkuko vyama bigenda, uko umwaka utashe hama haramukirwa igihugu kimwe mu bihugu bigize COMESA kurongora iryo shirahamwe. Nuyu musi uburundi bukaba bwashikiriwe muri ico kibanza, hakaba habaye kubisikanya kuburongozi bw’umuryango w'iryo soko rusangi ry'ibihugu vyo muri Afrika y'ubuseruko n'ubumanuko COMESA. Evariste Ndayishimiye akaba yashikirijwe uno musi icese ayo mabanga na Hakainde Hichilema, Umukuru w’Igihugu ca Zambia yahora arongoye iryo shirahamwe.
Mw’ijambo ryiwe, Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’uburundi, wewe afata ko yagenwe ntiyibutse ko uburundi bwari buramukiwe kandi ko nawe kubera yitwa umukuru w’igihugu ko vyari ngombwa ko acaramutswa uwo muryango. Ahubwo yabwiye ishengero ryari rikoraniye ngaho, ko ashimiye abakuru b'ibihugu n'amareta agize uwo muryango ku cizere bamugiriye mu kumugena muri ayo mabanga. Evariste Ndayishimiye akaba yiyemeje kuzorongora neza umuryango wa COMESA akoranye n'abo bafadikanije kurongora uwo muryango, akongera akazogendera ku mpanuro z'abahora bawurongoye.
Muriryo jambo nyene, yamenyesheje ko kuva ubu abava mu bihugu bigize COMESA batazosubira gusabwa visa igihe binjiye mu Burundi. Iyi ngingo ikaba igamije gushigikira ubumwe n’ukuzuzanya mu bihugu bigize uwo muryango.
Umukuru w'Igihugu c'Uburundi niwe arongoye isoko rusangi ya COMESA, akaba azofashanya na William Ruto, Umukuru w'Igihugu ca Kenya, mu gihe uwahora arongoye COMESA, nawe Hakainde Hichilema, Umukuru w’Igihugu ca Zambia, azoguma mu kibanza ca gatatu.
Nayo ibihugu bitarashira umukono ku masezerano yo guhanahana ibidandazwa bidatevye, bisabwa n’umukuru w’igihugu c’uburundi ko vyobikora vuba, kugira vyunganire iterambere ry'akarere kose ka COMESA.
Nyamara naho Evariste Ndayishimiye yashikirije ayo majambo yose, abatari bake bariko baravuga ko bizoherera mu majambo gusa ngo ntakintu nakimwe babona azoshobora kuzomarira iryo shirahamwe, ngo ahubwo azorishiramwo akajagari nkako yashize mw’ishiramwe ry’ibihugu vy’umuryango wa EAC, ngo kuko mu mwaka umwe yarirongoye, yatanguje intambara mugihugu ca Repubulika Iharanira Intwaro Rusangi ya Congo gushika nubu itarigera ihagarara.
Nayo kuvyerekeye ko hari utwigoro yogira kugira ngo ashobore guteza imbere iryo shirahamwe, bavuga ko ataho vyova ngo ayo ariko arakorera uburundi ninayo azoza gukora muriryo shirahamwe, ngo kanatsinda nutwigoro twotumye uyo muryango ashobora kugira ico awufashije, ngo ninawe azotwica. Bagatanga uturorero two kubona gushika nuyu musi imbibe Uburundi buhana n'Urwanda zicugawe kandi zugawe n’umukuru w’igihugu c’uburundi ubwiwe Evariste Ndayishimiye.
Ayo makenga akaba ari nayo bafatirako, mukuvuga ko umukuru w’igihugu c’uburundi asuzuguritse mu makungu ngo kubera ububeshi bumaze kumubonekako butari buke. Ubwo bubeshi ngo ninabwo benshi bibaza ko bwatumye abakuru bibihugu 15 kuri 21 badashobora kwitabira inama y’ishirahamwe COMESA ngo kubera bamaze kumenya ko Evariste Ndayishimiye ari umubeshi ko atakintu ashobora kuzomarira uwo muryango.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.