• Home
  • ACTUALITÉS
  • Babantu bashira amahera yabo mu kigega «One Africa Investiment Fund» babwirwa ko ari imitahe yo kubaka isoko nkuru ya Bujumbura, bashobora kuba bagiye gutaha zirayoye

Babantu bashira amahera yabo mu kigega «One Africa Investiment Fund» babwirwa ko ari imitahe yo kubaka isoko nkuru ya Bujumbura, bashobora kuba bagiye gutaha zirayoye

Vyose vyatanguye, Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye n’uwitwa Manirakiza Fablice, aba mugihugu ca Australia bakina nka ca gikino cabakinyi ba Ninde bo muri Komine Giheta, mu nama kuvyerekeye gusubira kubaka isoko nkuru ya Bujumbura yahiye, aho naho umwe yameze nkuwutanga iciyumviro, uri uwundi nawe atahubwo wari waratevye. Iyo nama yabereyemwo urwo rukino ikaba yari inama yahuje abarundi baba hanze y’igihugu bita Diaspora yabereye mu Burundi.

Inyuma yaho, Reta y’uburundi yaciye yegurira amasezerano contrat yokuba iyo soko, ya mbere avuga ko bahaye Manirakiza Fablice, amezi 6 yo kugira ngo yerekane ko abishiboye. Uyo nawe akaba yaciye akorera kuvyigwa vyakozwe na Reta hanyuma yemeza ko nawe nk’umuhinga ngo azogira akantu gato ahinyanyura kurivyo Reta yakoze.

Mugihe umurwi wabahinga bari bashizweho na Reta y’uburundi, bari bakoze ishusho yerekana ingene ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hokwubakwa, igaheza igacishwa mu Nama Nshikiranganji, kandi ikongera igashimwa n’inama nshikiranganji, Manirakiza Fablice mu masezerano yagiraniye na Reta, avuga ko ivyigwa Reta yarimaze gukora, afise uburenganzira bwo kubiryobora kugira ngo bigende nk’uko avyipfuza. Mugabo Reta ikaba yari yamusavye ko yerekana ko abishiboye, hanyuma yongere yerekane ko afise amafaranga yo kubikora.

Manirakiza Fablice, Umudandaza akaba n’umu Komisiyoneri wa President Ndayishimiye, yaciye ashinga ikigega yise «One Africa Investiment Fund», aba arose uburenganzira bwo kunyagaza abarundi bo mu gihugu nababa mumahanga, ababwira ko bozana imitahe yabo murico kigega, kugira ngo bubake isoko ngo hanyuma bazoze baragabura inyungu y’imitahe bazoba bashizemwo.

Naho hari abasize amafaranga muri uwo mugambi, abanda batari bake barasemereye berekana ko ivyo bintu bitumvikana, mugihe vyari vyakozwe atanamahiganwa abaye, bigakorwa mu kinyegero atanivyirwa bihagije vyakozwe. Hari nabari bagumye bashikiriza ko ari uburyo bwo kwiba abanyagihugu umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yoba yari yatoye agaheza akarondera gukoresha uyo Manirakiza Fablice, asanzwe ari na somambike wiwe.

Muri kino gihe, ahibintu bigeze, bisa nuko biriko birahindura inzira. Mugihe abarundi batanze amafaranga yabo, baziko ari imitahe yogusanura isoko nkuru ya Bujumbura, kuva kuri uyu wa 31 Gitugutu 2024, Manirakiza Fablice yaraye atangaje ko umurundi wese avyipfuza ngo ashobora gushira umutahe mu kigega ca «One Africa Investiment Fund», gifasha gutororokanya imitahe y'Abarundi bari mu gihugu canke mu mahanga, maze ikazokoreshwa mu migambi yo guteza imbere igihugu mu bisata bitandukanye, ndetse iyo mitahe bakazoyisubizwa n'inyungu yayo.

Hano igitanguye guteramakenga abarundi batanze amafaranga yabo, nukumva ko cakigega cari cagenewe gusanura isoko nkuru ya Bujumbura yahiye, uyu musi gihindutse ikigega kizokoreshwa mu migambi yo guteza imbere igihugu mu bisata bitandukanye. Bamwe bakaba babona ko ari uburyo bwateguwe bwo kubamburwa amafaranga yabo. Ngo kuko batari bigeze bumvikana na Manirakiza Fablice, ko imitahe yabo bayisize mu kigega co gutunganya imigambi ibungukira.

Ikindi kiriko kiratangaza abanyagihugu bamaze gushira amafaranga yabo muri «One Africa Investiment Fund», nitandukaniro ryoba riri hagati ya «One Africa Investiment Fund» hamwe nirindi shirahamwe bita «Ubaka Nation Group», eka nico ayo mashirahamwe abiri yoba ahuriyeko. Ivyo navyo bakaba bariko barabivuga bafatiye ko ivyaraye bishikirijwe vyavuzwe mu gihe hariko haraterwako igikumu ku masezerano yo gushimangira ubufatanyabikorwa hagati y'ishirahamwe «Ubaka Nation Group» n’ibanki y’ubudandaji Bancobu, amasezerano yerekeye ko iyo banki igiye gufasha kwandika Abarundi bashira imitahe mu kigega «Ubaka Nation Group», mugihe muwundi mwanya abwira abanyagihugu ikigega  «One Africa Investiment Fund».

Kandundura nkuko bivurwa nabo bamaze gutanga amafaranga yabo, ni ukubona Manirakiza Fablice yaraye amenyesheje ko ku bijanye naho ibikorwa vyo gusanura isoko nkuru rya Bujumbura bigeze. Ngo bakaba baraye bakubiswe n’inkuba bumvise ko ishirahamwe «Ubaka Nation Group» arongoye ariryo ririko rirarondera ayandi mashirahamwe yo mu gihugu canke mu mahanga, ngo yoba abifisemwo uburambe kugira ngo azoshire mu ngiro ibikorwa vyo gusuzuma ubukomezi bw'ikibanza kizokubakwamwo amagorofa azoba agize iyo soko. Ivyo rero abatari bake bakabibonamwo ikiwani kidasanzwe co kuba bariko barabeshwa muburyo buhanitse.

Abo twaganiriye muri kino gihe, bariko baribaza amafaranga yabo ico ariko arakoreshwa, mugihe bayatanze babwirwako ibikorwa bigeye gutangura, Yamara gushika nubu bakaba batanguye kubwirwa ko ishirahamwe «Ubaka Nation Group» asanzwe arongoye rikiriko rirarondera ayandi mashirahamwe yokora ibikorwa vyo gusuzuma ubukomezi bw'ikibanza. Bakibaza bati none iyo soko nitubakwa ubwo abanyagihugu bazosudubiza amafaranga yacu? Bati mbega bazoyadusubizanya ninyungu yayo? Bati canke tuzobura vyose dusigare turimyiza ibamfu nkuko bimaze kuboneka kumashirahamwe mwenayo akunze gushingwa? Ivyo vyose bagaheza bavuga ko umwanya ari umucarubanza mwiza, ngo babiteze amaso!

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !