• Home
  • ACTUALITÉS
  • Agathon Rwasa ngo nahindure umukenyuro wo guharanira uburenganzira bwiwe, kuko ubutungane butazigera bumutunganiriza bitumwe nuko butigenga

Agathon Rwasa ngo nahindure umukenyuro wo guharanira uburenganzira bwiwe, kuko ubutungane butazigera bumutunganiriza bitumwe nuko butigenga

Mugihe vyari bitegekanijwe ko uyu musi haba urubanza hagati ya Rwasa nabo yitwariye abagiriza ko bamutwaye umugambwe wiwe CNL barongowe na Nestor Girukwishaka, urwo rubanza parquet nkuru ya republika y'uburundi yahavuye irwungururiza kuyindi tariki ya 27 Ruhuhuma 2025.

Imbere y’impande zose zababuranyi, ni ukuvuga uruhande rwa Agathon Rwasa, hamwe n’uruhande rwa Nestor Girukwishaka, Abacamanza ba parquet nkuru y'igihugu, batangaje ko urwo rubanza ruhawe irindi sango ryo ku wa 4 Nyakanga 2025. Abo kuruhande rwa Agathon Rwasa bari bishikiye kuri parquet kumviriza urwo rubanza, baciye bakoma induru, haca hatangura impari. Abo bashigiye Rwasa bati none urwo rubanza ko murusize inyuma yamatora kandi hariho abipfuza kuzokwitoza. Niho abo bacamanza baca bahitamwo kugungururiza kw'isango rya 27 Ruhuhuma 2025 ariko navyonyene bikaba bitanezereje abanywanyi ba Agathon Rwasa.

Abihweza ibintu n’ibindi, bakaba babona ko urwo rubanza atakintu kizovamwo kuko ruzoguma rudindizwa kugira ngo akarwi katwaye umugambwe CNL kibandanirize ivyo karimwo n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD, nayo Agathon Rwasa azoce aguma ubura uburenganzira bwo gushobora kwitoza.

Tubibutseko ivyo vyose vyatanguye igenekerezo rya 10 z’ukwezi kwa gatatu 2024 igihe umurwi w'abashingamateka bari barongowe n’umushingamateka Ntacobakimvuna Makurata, batembagaza uburongozi bw’umushingamateka Agathon Rwasa baca bashiraho Nestor Girukwishaka. Kuva ico gihe Agathon Rwasa ntiyasubiye kugira uburenganzira na bumwe kumugambwe CNL.

Bamwe rero bakaba babona ko Agathon Rwasa, akwiye guhindura umukenyuro wo guharanira uburenganzira bwiwe, akareka kuguma yizeye ko ubutungane bushobora kuzomutunganiriza kuko butazigera bumutunganiriza bitumwe nuko butigenga. Ivyo mbere hakaba hari n’abamwe mu banywanyi b’umugambwe CNL babibona gutyo.

Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !