Umwigisha w' icigwa c'icongereza kw' ishure shingiro rya Ndava mu ntara ya Cibitoke arapfunzwe
Nsengiyumva Gaddy, ni Umwugisha w' icigwa c'icongereza kw' ishure shingiro rya Ndava mu ntara ya Cibitoke, akaba n' umupasitori, Unomusi wakane itariki 07 Munyonyo 2024, arakwije ijoro rigira gatatu mu gasho ka Komine Buganda muriyo ntara ya Cibitoke.
Nsengiyumva Gaddy, yahagaritswe kw’itegeko rya Buramatari w’intara ya Cibitoke Bizoza Carême, akaba yagirizwa gukubagura Umukenyezi yaba mu rugo iwe. Agifatwa Nsengiyumva ngo yarakubaguye cane nkuko bivurwa n’abanyagihugu bo muriyo Komine. Uyo mukenyezi yagirizwa gukubagurwa n’umwigisha Nsenguyumva, ngo hari haheze iminsi mikeya yibarutse, mugihe Nsenguyumva asanzwe ari umukozi w’Imana (Pasteur), akaba n’umuntu aciye ubwenge (intellectuel) abatari bake bemeza ko atokubahuka gukora amahano nkayo ariko aragirizwa na cane cane ayakorera umukenyezi atunze.
Abatabariza uwo mwihisha bavuga ko, Buramatari w’intara ya Cibitoke, ngo ashobora kuba yatanze itegeko ryo guhagarika iyo nzirakarengane, ngo atabanje gukora amatohoza, ngo yamara agakorera k'unkuru yahawe gusa, ngo biraheza bituma yihutira gufata ingingo adatohoje. Kubw'ivyo, umuryango wa Nsengiyumva, urasabako nimba Buramatari akeneye kumenya ukuri, ko yari akwiye gutumako izompande zibiri akazumviriza ngo agaheza akamenya umuco wavyo, ngo kuko bitumvikana ingene uwabo avundira mugasho ka Komine Buganda ataburannye.
Nkuko bimenyeshwa nabaryango ba Nsengiyumva, baremeza ko mugihe bosanga uwabo yagiriwe n’icaha, ngo atacobuza ko aheza agahanwa n'amategeko y'igihugu. Nayo abavyeyi barereye kwishure uwo mw’igisha yahora akorerako, bemeza ko kugeza uyumwanya abana ngo yari asanzwe yigisha ngo batagira uyundi ariko arabigisha.
Umwigisha Nsengiyumva, yahagaritswe k'umusi wambere ngo mugihe yariko araja kukazi kiwe kamisi yose ari mumodoka yiwe, ngo acahagarikwa n'igipolisi gikorera kuri barrière yaho bita mukarwema muntara ya Bubanza. Abapolisi ngo bamubwira ko yokururuka imodoka yiwe ngo baca bamwuriza ipikipiki batera bamujana muri Komine Buganda. Bamushikanyeyo, ngo niko kumwinjiza mugasho ka Komine Buganda atakintu bamubajije, nayo imodoka yiwe ngo ica isigara aho nyene yafatiwe kugeza nuyu musi. Iyo modoka ikaba iri mu bwoko bwa Camionnette ifise imparati L 8387 A, urufunguruzo rwayo bita (contaque, n’uyu musi ngo rukaba rufiswe n'abapolisi bakorera kuriyo barrière ya Karwema.
Agifatwa, bukeye yaraye mugasho, uyo mukenyezi amwagiriza kuba yaramukubaguye, ngo yazindutse kugasho ka Komine Buganda n'umuryango wiwe, nyamara Nsengiyumva Gaddy ngo ntiyigeze yumvirizwa, eka mbere kugera n’iyisaha afunzwe nk'imbwa itagira shebuja ngo ntamuntu n’umwe arigera amwumviriza. Bikavurwako hari umu Colonel avuka kundava azwi kumazina ya Hagabimana Hassan batazira Mutoni, ngo ari muriyo dossier. Uyo ngo akaba ariwe yabujije OPJ kumviriza Gaddy. Ngo yavuzeko niyaronka umwanya azoza kumwumviriza ngo kuko uyo mukenyezi asanzwe ari uwo mu muryango wiwe. Iyo nyamiramabi ipfunze Nsengiyumva Gaddy isanzwe izwi kumazina ya Pacifique.
Muri kino gihe umuryango wa Nsengiyumva Gaddy ukaba utabariza uwabo, ugasaba ubutungane ko bwokora kubera bavuga ko uwabo ariko ararenganywa. Hagati aho, abatari bake bariko baratangazwa ninyifato ya Buramatari w’intara ya Cibitoke Bizoza Carême, ariko arakorana na Colonel Hagabimana Hassan batazira Mutoni, avuka kundava, mukurenganya uwo munyagihugu no mukwivanga muvyerekeye igisata c’ubutungane. Bakibaza igituma batareka ngubutungane bukore akazi kabwo.
Nayo mugihe inyamiramabi ifise iyo dossier ataco iriko irakora kugira ngo itunganirize uwo munyagihugu. Uruganda rwa Radiyo Haguruka rwagerageje kumuhamagara OPJ Pacifique kuri Telephone yiwe ngendanwa ku nomero 69617501, kugira ngo tumubaze ibijanye niyo dosiye, ariko twamukenye. Tukazobandanya kumurondera.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.