Dr. William Samoei Ruto, niwe aramutswa umuryango wa Afurika y’iburasirazuba EAC
Kuva uyu musi, Umukuru w’igihugu ca Kenya, Dr. William Samoei Ruto, niwe aramutswa umuryango wa Afurika y’iburasirazuba (EAC), akaba asubiriye Salva Kiir Mayardit wa Sudani y’Epfo yari umaze umwaka murico kibanza. Iyo ngingo ikaba yafatiwe mu nama ya 24 y’abakuru b’ibihugu vya EAC, bari bahuriye mu nama i Arusha mugihugu ca Tanzania kuri uyu wa 30 Munyonyo 2024.
Mugihe vyari bitegekanijwe ko umukuru w’igihugu ca Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo Félix Tshisekedi, ari nawe yari gutorwa kurongora uwo muryango, ntiyashoboye kwitaba iyo nama eka mère akaba atanintumwa yashoboye kurungika guserukira igihugu ca Congo.
Mwomenyako iyo nama yitabwe n’uwarasanzwe arongoye umuryango wa EAC akaba n’umukuru w’igihugu ca Sudani y'Epfo, Salva Kiir, umukuru w’igihugu c’urwanda, Paul Kagame, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya Samia Suluhu Hassan, umukuru w’igihugu ca Uganda, Yoweri Kaguta Museveni, hamwe rero na William Ruto arongoye igihugu ca Kenya. Uburundi nabwo bukaba bwari bwaserukiwe n’icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza. Mubandi bari muriyo nama akaba ari umunyamabanga Mukuru wa EAC, Veronica Nduva.
Mugihe uwo muryango uhanzwe n'ibibazo vyinshi vyo kutumvikana hagati y'igihugu c'urwanda n'igihugu ca Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo, hamwe kandi no hagati y'urwanda n'uburundi, aho haheze igihe imipaka uburundi buhana n'urwanda yugaye, benshi baribaza nimba umukuru w'igihugu ca Kenya ashobora kuzogira ico ashobora guhindura yamara bikabasiga.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.