Ibiganiro vyonyene, niwo muti nyawo w’ibibazo umurengera vyugarije uburundi
Mugutangura runo rwandiko, dutangurire ku migani ikwirikira: ”Wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga umurambi ukabira nkayo. Kandi ngo Intabarirwa ibwirwa nuko amaso atukuye. Nayo Agasozi karamanyama kahiye abagabo babona, ariko n’Uwuza gukira indwara arayirata.
Kuva na kera na rindi guhera kubantu bakuru n’abato mu mice yose y’ibihugu mw’isi abantu bamye bava ahantu runaka mu buzima bakagera ahandi runaka mu mice yose y’ubuzima aruko abandi bagize ico bafasha, ndetse banabigizemwo uruhara rugaragara. Guhanurwa rero mu buzima bwacu iyo bibaye ngombwa ni ikintu c’ingenzi gikunze gutanga inyishu ku bibazo biba vyugarije ibihe turiko turacamwo ariko vyagera ku nyungu z’ibihugu ho bikaba ingorabahizi kuko igihugu kiba cihariye kubijanye n’inyungu Rusangi bwite! Iyo naho umuntu canke abantu bakeya bahisemwo kwigungana ibikorwa ku giti cabo canke bahisemwo kwanka impanuro z’abandi, vyanse bikunze ibintu birangira nabi canke hariho ukutunvikana mu mpande zose! Ni vyiza cane rero kuja inama n’ingingo mu mice yose kugirango ibintu bibone gutera imbere ata wandya wangura!
Nkuko rero Twese abarundi tubibona mu gihugu cacu, ibintu vyinshi ntibigikora mu nzego nka zose z’igihugu. Ahanini none vyoba biterwa n’iki? Basokuru nibo bayamaze bati ”Intabarirwa ibwirwa nuko amaso atukuye ”! Muti gute? Kuva na kera hose na rindi haba ku ntwaro ya Cami n’ubu mu ma Leta canke no mumashirahamwe akomeye, hamye harangwamwo abahanuzi bo kugira inama no guhanura abayobozi bakomeye mu bihugu kugirango bashobore gushika neza ku ntumbero bihaye no kurangura neza imirimo yabo.
Kubijanye rero n’iwacu i Burundi hoho wogirango ibihabera ni nkaho bibera mu gihugu cibereye mu bugaragwa aho wagirango abayobozi ntibakeneye gutega amatwi no kwunviriza ivyiyumviro canke impanuro bitandukanye vyabandi nkuko bobo bavyibaza! Ico rero kiri mu bintu bikomeye biteye impungenge kandi vyamaze no gutangura kugaragaza ingaruka mbi mu buzima nka bwose mu gihugu!
Twese ngaha tutirengagije na gato, ntawutaziko mu mwaka wa 2015 ko Uburundi bwaguye mw’isanganya guhera igihe Président Petero Nkurunziza yarahira akarengwako abwirizwa kwitoza ku kiringo kigira gatatu! Ico gihe inzego zitandukanye n’abihebeye Imana barasemereye birananirana! Abayobozi b’ibihugu bitandukanye, amashirahamwe mpuzamakungu, ayo mu bihugu vyakarere uburundi buherereyemwo, ntako atagize birananirana tudasize inyuma n’ayandi mashirahamwe nk’ishirahamwe rijejwe amahoro n’umutekano kwisi ONU, aho naryonyene ryagerageje mugabo bigasendwa! Ivyakurikiye abarundi bose barabizi gushika aho tugeze uno munsi ni uko ubuzima abarundi n’igihugu bimeze vyose birazwi! uyu munsi igihugu gisigaye ari nyamwigendako kandi ubuzima bwarahagaze mu mice nka yose igize igihugu!
Uwuza gukira indwara arayirata. Buriya abarundi nibo bavuze bati ikinyoma kimara umunsi ntikimara umwaka? Eeemweee!!!!! oya koko ntibabeshe kuko buraca bukira bugacana ayandi kandi hahendwa abana ariko n’umwana agikura arateba akaba mukuru akironderera ubuzima! Abayobozi dufise uno munsi vyarabananiye gusa ntibashobora kwimena amaso ngo babivugishe ukuri kuko biteye isoni kandi boba bikuye amata mu kanwa! Ivyo rero birabatuma bahinduka ababeshi bakagenda babeshabesha aho baciye haba mu gihugu hagati no hakurya y’imbibe!
Ingaruka zo kubesha zirangira aruko zivyaye umusaruro kuko ngo buriya ukubita urushi mu vyondo ukavyitarukirizako! Ubuzima rero abarundi turimwo uno munsi ni ingaruka z’inyifato kandi mbi z’abayobozi bacu bagize muri kahise kandi nubu bikibandanya! Ico korwa harageze nimba hatarengeranye ko abategetsi b’Uburundi bifata mu jisho bakicarana n’abo bose batavuga rumwe, abayobozi bose bahunze bari mu nzego zose no mu mice yose kugirango bavugane uko ibintu vyohinduka maze igihugu n’abarundi bagasubira kugira ijambo no guhurumbirwa mu makungu!
Nkako abarundi benshi nuyu musi babandanya gusaba leta y’uburundi, kwemera kwicarana n’abo bose vyega kugirango igihugu ntigikomeze kurwa mw’isanganya kuko ejo canke hirya yejo, ngo abarundi barashobora kwicuza ibintu vyamaze kuyangara! Nkako ngo umunwa w’umutama uranuka ariko ngo ukavuga ukuri.
Umuhisi Petero Buyoya niwe bajije ingene yarose ubutegetsi abanje gutembagaza ubutegetsi, akaba yagize ati:
” Iyo uri umuyobozi canke umutegetsi”, igikuru si ingene ubishikako canke uhashika (Ku butegetsi); atariko igikuru ni ingene ubuvako canke ubusezera! Ni ukuvuga iki? Ibi bisigurako uko washika ku butegetsi kwose, n’ukwama na ntaryo witwararika ko atakintu na kimwe co gutuma uteza umudugararo, inzara, inyota, ubwicanyi, guturubika, gukenesha, no kwangaza abo ujejwe mu ntumbero yo gushaka kwigumiza ku butegetsi kuko bitebe bitebuke, amaherezo mabi aba akurindiriye imbere!
Naho Petero Buyoya nawenyene afise ivyamugoye, iryo jambo yavuze n’ijambo ry’iza kandi n’ingirakamaro. Rero buriya, ”umuntu yanka bangwe ntiyanka zana ndore”!
Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.