• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kuba umukuru w’igihugu c’uburundi yemeza ko ariko arafasha urwaruka rwa Afrika ngo rwiteze imbere, ngo ni ugupfunga ikiwani Abarundi n’amakungu kuko n’urwaruka rwo mu burundi ataco ariko ararumarira

Kuba umukuru w’igihugu c’uburundi yemeza ko ariko arafasha urwaruka rwa Afrika ngo rwiteze imbere, ngo ni ugupfunga ikiwani Abarundi n’amakungu kuko n’urwaruka rwo mu burundi ataco ariko ararumarira

Mu gisagara ca Bujumbura, hariko harabera ibikorwa vy'ikiyago kigira gatatu c'urwaruka rwa Afrika kizomara imisi ibiri kuva uyu musi. Abari muriryo huriro bakaba bariko baraganira ku bijanye n'amahoro n'umutekano muri Afrika. Iyo nama yitiriwe ihuriro rigira gatatu ry'urwaruka rwa Afrika ku bijanye n'amahoro n'umutekano muri Afrika, yatanguye kuri uyu wakane, bikaba bitegekanijwe kwizorangira kuri uyu wagatanu. Bivuga ko arinama yategakenijwe kuba iminsi ibiri kumagenekerezo ya 12 na 13 Kigarama uyu mwaka. Nkuko amasoko yacu yabitumenyesheje, iyo nama ikaba iriko irabera neza na neza i Kiriri mu kirimba c'Umukuru w'Igihugu.

Ni ihuriro risanzwe bimaze kumenyerwa ko ribera mu gisagara ca Bujumbura buri mwaka kuva Umukuru w'Igihugu Evariste Ndayishimiye yemejwe n'ubumwe bwa Afrika nk'imboneza y'urwaruka rwa Afrika. Muri ico kibanza aho bakoraniye i Kiriri, hambavu y'Umukuru w''Igihugu, hari kandi n’abashikiranganji ba Reta y'Uburundi,  intumwa z'Ubumwe bwa Afrika, eka n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ntibari batanzwe. Tudasize inyuma rero n’urwaruka ruvuye mu bihugu bitandukanye vya Afrika, urwaruka rwo mu Burundi, rwaje kugira rwumvirizwe ku myitwarariko yarwo, n’ibindi nkibijanye n’inzira yo kwiteza imbere, no mu gukomeza amahoro n'umutekano.

Ariko arugurura iyo nama, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, yavuze ati ni gute urwaruka rwujuje impapuro z'umutsindo ariko rukabura ubuzi ? Ngo ni gute urwaruka arirwo rufise inguvu ariko ugasanga nirwo rutariko ruravyazwa umusaruro izo nguvu zarwo ngo mu gihe Afrika ikibuze vyinshi. Kubwiwe nkuko yama ariko araswaganya, yavuze ko igihe ngo kigeze co kuva mu majambo ngo bakaja mu bikorwa ngo kuko  urwaruka rwa Afrika rudakwiye gusubira gusigara ku ruhande. Evariste Ndayishimiye akaba yaciye asaba ibihugu vya Afrika ngo gushiraho poritike zerekana neza uruhara rw'urwaruka mw'iterambere ryavyo, ngo kuko Uburundi bwamaze gushiraho poritike nk'iyo, kuva muri Rusama 2024.

Bamwe mu rwaruka n’abanyamahanga bari bitavye ivyo bikorwa vy'ikiyago kigira gatatu c'urwaruka rwa Afrika, babwiye Radio Haguruka ko baguye mu gahundwe ngo bumvise ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi. Kubwabo, ngo urwaruka rwo mu burundi nirwo rwambere kwisi nzima rugowe ayikivumvu rutagira epfo naruguru, ngurwo rwaruka nirwo rwirirwa rurihoha mu bibazo harimwo no guheba ubuzima barondera guhunga uburundi kubera amagorwa ruriko rurabonera mu gihugu, ngo kandi Evariste Ndayishimiye kuva ashikiriye igihugu ngo ntakintu nakimwe ariko arakora ngo kugira ashireho politike yo guteza imbere urwo rwaruka, ngo hanyuma aheze yirirwe arabamenumutwe ko ariko ariga imigambi yo guteza imbere Afrika ?

bamwe mubo twaganiriye ntibarya umunwa, bavuga ko urwaruka nyabuna ngo rwari rukwiye gufatana munda ngo rukamwirukana kubutegetsi ngo kuko bamaze kurambirwa n’amajambo adasiba kubabwira ku musi kumusi yamara atagira ibikorwa.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !