Kwiyumvira ko abantu bafashe ibirwanisho bazokwishikana ni uguta umwanya hakwiye ibiganiro bihuza imirwi itandukanye bumvikane ingene hoboneka umuti
Kuva kuri uyu wa 10/12/2024, i Bujumbura kumurwa mukuru w’ubutunzi, hariko haraba ivyo bise uruganda rw'iminsi itatu (3) rwo kwigira hamwe ngo inzira yemewe n'amategeko yo gutahukana abari mu migwi y'abagwanyi, hamwe n’Abarundi bahungiye mu buseruko bwa Republika iharanira intwaro ya Congo. Ivyo bikaba bibaye inyuma yakamo kimirwi itandukanye imaze igihe isaba leta gutunganya ibiganiro vyotuma abahunze n’abafashe ibirwanisho bataha, leta yoyo ikaba yahisemwo guca muyindi nzira idashika, yo gusaba abahunze kwishikana.
Nk'uko vyaraye bishikirijwe na Lieutenant Général Silas Ntigurirwa ajejwe ibibazo vya gisirikare mu biro vy'Umukuru w'igihugu, ngo iyo nama iriko irigirwamwo uko ico gikorwa co gutahukana abavyipfuza (rapatriement volontaire) cogenda, ngo kugira bashire mu ngiro icipfuzo c’umukuru w’igihugu cuko abarundi bahunze canke abari hanze, ngo nabonyene botahuka gufashanya n’abandi barundi kucubaka. Dukwirikire Lieutenant Général Silas Ntigurirwa ajejwe ibibazo vya gisirikare mu biro vy'Umukuru w'igihugu.
Naho muriyo nama, uwaserukiye intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere k'ibiyaga binini, wewe abonako inama nkiyo ngo kubona yabaye ngo ari intambwe idasanzwe mu rugendo rugana kumahoro n'itekane mu karere. Abanye politike bobo siko babibona, bamenyeshako amakungu ariko ararwa mu mutegeko w’ububeshi bwa Perezida Ndayishimiye budasanzwe.
Kubwabo banye politike twaganiriye, bavuga ko kwisi nzima ngo mugutorera inyishu ibibazo nkamwenivyo biba birimwo impunzi nabafashe ibirwanisho, ngo ntibigenda benuko ngo hatungnywe amanama nkayo hanyuma abahunze ngo bace bahunguka, ngo ahubwo nyabuna habanza kubaho ibiganiro vyukuri, abo baba bahunze canke abafashe ibirwanisho, ngo bakagira ivyo bumvikanye, ngo bagaheza bakabona gutahuka.
Ngo nayo kwiyumvira ko abantu bafashe ibirwanisho bazohava bishikana kubera inama nkiyo yabaye ngo nkuko vyaraye bishikirijwe na Silas Ntigurirwa, ngo nuguta umwanya no konona amafaranga yigihugu. Ngo nihatunganywe nyabuna ibiganiro bihuza imirwi itandukanye nabo bafashe ibirwanisho badasigaye inyuma baheze bumvikane ingene ivyo vyose vyokorwa.
Inkuru yanditswe na Aline MUNEZERO.