• Home
  • ACTUALITÉS
  • Bamwe mu banyagihugu bamenyesha ko ata gahengwe bagiye kuronka mu Burundi kubera gutwarwa n’umugambwe umwe, Bagasaba abarundi bose gufata mu nda, bikureko intwaro ikomoka muri CNDD-FDD ibamiza mu bukene butagira izina.

Bamwe mu banyagihugu bamenyesha ko ata gahengwe bagiye kuronka mu Burundi kubera gutwarwa n’umugambwe umwe, Bagasaba abarundi bose gufata mu nda, bikureko intwaro ikomoka muri CNDD-FDD ibamiza mu bukene butagira izina.

Kugira igihengeri c’amafranga reta itegekanya gukoresha muri uyu mwaka wa 2025 ushira 2026 kizibigwe, itagisi ritangwa kuri buri ritiro ry’igitoro rizoduzwa rive ku mafranga y’amarundi 50 rije kuri 75. Ugukoresha terefone ngendanwa na internet navyo bizoduga ibiciro. Hazokwiyongerako amafranga 100 ku mamega yo ku musi,  hajeko  amafranga ibihumbi 100 ku ma abonnements yo ku kwezi mu mashirahamwe atanga internet, message imwe isanzwe nayo hakatwe amafranga 5.

Imishahara imwe imwe igiye gukatwako ivy’icumi nk’intererano zidasanzwe. Ni imishahara y’abakorera ku migambi y’abafata mu mugongo uburundi, abitwa ko batowe n’abanyagihugu n’abatsindiye amasoko ya reta. Iyo mishahara  izokatwako ivy’icumi bitanu kw’ijana kuri buri mushahara wo ku kwezi. Aha reta ihaziga amafranga imiliyaridi 6 z’amarundi. Amatagisi ku bintu bimwe bimwe mvamakungu azoduzwa ibiciro. Akarorero: amata, ibitambara, amazi yo mu macupa, amabati bizoduzwa amatagisi ku bice 20 canke 30 kw’ijana. Amakori atangishwa abacukura ubutare azokwongerezwa.

Hazoshirwaho itagisi ku mutekano ariyo taxe de sûreté. Itagisi  rifasha kwegeranya amafranga aheza agafasha nko mugucungera imbibe, ikibuga c’indege canke kwongereza ibikoresho muri ivyo bikorwa vyo gucungera umutekano. Hazoshirwaho kandi ikori ku bikoresho vy’ubuhinga bwa none : ama ordinateurs, amaterefone n’ibindi vyinjiye biciye kuri douane ikori rizoba ringana n’ivy ‘ijana 25 kw’ijana.

Abafise ububare, amarestaurants, amahoteri, amaboîtes de nuit bazotanga ikori ry’ibihumbi 50 ku mwaka. Uwufise umuhora akoresha ariwo carte sim bitegekanijwe ko awurihira amafranga 2.400 ku mwaka. Iki mbere kikaba caratanguye gushirwa mu ngiro aho na bamwe mubamaze kuyariha bakoresha umuhora wa Lumitel baguma bidoga ko badasiba kuyakatwa iyo baguze ama unités. Umwambiro ukoreshwa  muguhingura inzoga wahora ufise akarusho ko kutarihishwa  itagisi, ubu  nawo uzorihishwa. Ivyo vyose bikaba biri hagati y’ingingo za 66 n’217 mw’itegeko rigenga amafranga reta itegekanya gukoresha uyu mwaka wa 2025 ushira uwa 2026.

Bamwe mu banyagihugu bamenyesha ko ata gahengwe bagiye kuronka mu Burundi inyuma yo gutwarwa n’umugambwe umwe mu gihe ngo Ndayishimiye yari yababeshe ko hagiye gucukurwa ubutare butagira uko Bungana uburundi bufise bitumen buri Murundi atunga agatunganirwa ngo none niwe agiye kubandanya anunuzwa. Bagasaba abarundi bose gufata mu nda, bikureko intwaro ikomoka muri CNDD-FDD ibamiza mu bukene butagira izina.

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !