Uno munsi mu guheza ivyo twari tumaze iminsi tuyaga bijanye n'ibimenyetso vy'intwaro iriko iratemba, twashimye kubabwira ikimenyetso ca gatatu (3).
Ikimenyetso rero kigira gatatu mu kinyamazuru bacita "Crises économiques et sociales persistantes". Intwaro ya CNDD-FDD irangwa n'ubutunzi buguma busubira inyuma, ibura ry'igitoro rimaze igihe kirekire imyaka n’imyaka, amafaranga mva makungu, imiti, ifumbire, amazi, amatara, ubushomeri bwinshi, ifaranga riguma rita agaciro, services publics zidakora neza eka hari n'ibindi bitagenda neza ntovuga ngo mpeze.
Ivyo vyose bibangamira umurundi wese, nabari mu yindi migambwe canke mashirahamwe yigenga, n’aba CNDD-FDD badasigaye inyuma. Yaba umututsi, umuhutu, umutwa nta numwe bidashikira n'uwuri muri diaspora incuti afise ziri i Burundi arakenera kuzifasha kuko amagorwa ari mu Burundi ararenze.
Muti dukore iki? Bwira, igisha abarundi ko uru rugamba atari urwa abarundi bo muri opposition gusa, ahubwo ko ari urwabarundi bose. Turakeneye gusenyera ku mugozi umwe kugire tudendure, dutemvye, dukureho burundi CNDD-FDD izingamitse gushika aho busigaye buteye ikigongwe.