Abarundi babona ko ivyo gutembereza urumi ruvurwa ko ari urwamahoro, ari ikigirwamana abategetsi bakoresha kugira bahunike abarundi ntibabone amabi bakorerwa n'ubutegetsi
Indongozi yose kuva ku mukuru w’umutumba izokora ku rumuri kugira ironke agatima ko gukorera abo ijejwe. Mu birori vyo kugurura urumuri rw’amahoro kuri uyu wa 29 Nyakanga 2025 i Buhumuza, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagize ati: nduguruye twa mugina. « Mwebwe ntwararumuri genda mushikirize urumuri rw'amahoro abarundi bose. Muze mukore ibishoboka vyose kugira ntihagire indongozi itarukorako». Ndugaye twa mugina.
Yongeye arizeza abarundi ko urwo rumuri ari umuco ugiye kumurikira indongozi kugira igane imbonakazoza y'igihugu giteye imbere. Ndayishimiye arashima kandi ko mu ntwararumuri ata wufise amagara mabi, akabasaba gushishikara ngo bashikirize imiryango yabo imbonakazoza y'igihugu. Buramatari w'intara ya Buhumuza Denise Ndaruhekere akaba yaciye ashikirizwa ubwa mbere urwo rumuri ngo nawe azorushikirize ba musitanteri b'amakomine y'iyo ntara.
Abatari bake barikugura ivy'uwo mugigwa w'urumuri. Uretse ko ata kintu na gitoyi urwo rumuri ruhindura muri kamere y'abategetsi bakomoka muri CNDD-FDD bakorera nabi abanyagihugu, ahubwo ngo coba ari ikigirwamana nkuko banavuga inkona, abategetsi b'uburundi batembereza mu gihugu kugira bahunike abarundi ntibabone amabi bakorerwa n'ubutegetsi kuko abategetsi ngo ntibotegekwa ku busabusa kugikorako ngo kibaha inkomezi zo kurangura amabanga yabo.
Ku bwabo banyagihugu, ngo naho biruko, Imana y'ukuri ngo ifise ububasha bwo gusambura ibigirwamana vyose, abavyizeye bagatangara. Basaba abemera Imana mu gihugu n'abatari mu gihugu gusenga vy'ukuri basambuze ibigirwamana vyazanywe mu gihugu n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD, uburundi ngo bubone gukira.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.