• Home
  • ACTUALITÉS
  • Reka tubandanye turabira hamwe ikindi gikomeye kiri muri ca gitabo citwa "L'art de la guerre" ca Sun Tzu

Reka tubandanye turabira hamwe ikindi gikomeye kiri muri ca gitabo citwa "L'art de la guerre" ca Sun Tzu

 

Uru rugamba nkuko nabibabwiye ntirworoshe. Naho uba watoye stratégie birasaba kuba guhindura umukenyuro bivanye nuko ibintu bihinduka. Mu kinyamazuru bavyita kuba "Flexible" canke "Eviter la rigidité".

Hariho ibintu vyinshi duhora dukora canke dutegura ugasanga ntibibaye nkuko tuvyipfuza. Iyo dusubiriye kugira vya bindi nyene kandi ata musaruro bitanga, tuba turiko turihenda.

Aha rero bidusaba kwisuzuma, tukamenya aho vyankira, tukiyumvira uyundi mu kenyuro mushasha. Ikindi nuko hageze umwiherero canke harya tuba dufise assemblée générale ari vyiza ko twese twitaba kuko iba ari akaryo ko kuraba uko vyifashe, imikenyuro mushasha nico twokora muri kazoza.

Nagire nfate akaryo ko kwibutsa ko  assemblée générale ari 12 octobre 2025 tuzokwitabe turi benshi. Hama symposium muri belgique du 31 janvier au 1 février 2026 ni kuraba ko nayo nyene twoyitaba turi benshi.

Partager cet article !