Inyuma y’imyaka 64 agandaguwe, ivyari vyatumye Ludoviko Rwagasore ahaguruka mu rugamba rwiwe nivyo umugambwe CNDD-FDD umaze imyaka ukorera abarundi atagitabara
Uyu munsi abarundi twaramutse twibuka imyaka 64 irangiye Umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore agandaguye. Ariko uyu musi ushitse abarindi bari mu marira n’agahinda kenshi, biturutse kubacangero bo muri CNDD-FDD bishe igihugu bagashira abanyagihugu mu kangaratete, kuburyo igihugu kigeze inyuma y’imbere Rwagasore yatanguza urugamba rwo kurondera intahe yo kwikukira.
Mw’ijambo ryiwe yashikirije umugambwe wiwe Uprona umaze gutsinda amatora. Yaragabishije abarundi bo kumpande zose, abatsinze n’abatsinzwe, akaba yababwiye ko uwatsinze n’uwatsinzwe bose ari Abarundi basa. Abibutsa ko basangiye intara, bakagira umwami umwe. Naho nyene badasangiye umugambwe, kubwiwe yabona ko Uburundi bubakeneye bose.
Muriryo jambo ryiwe, yabwiye abarundi ko ahatagira ubukuru nyabwo, hatagira iteka ntihagire n'itekane. Ahatagira ubukuru nyabwo ntihaboneka amajambere. Ati igitsinze uyu musi kandi ni demokrasi y'ukuri, ati demokrasi nk'uko Abarundi bayumva kandi bayifuza. Ati namwe murazi ko, ico Abarundi bifuza ari ubutungane bw'ukuri. Ubu rero ubutigu burageze bw'ukwihweza ibibazo vyerekeye Uburundi.
Rwagasore yaripfuza canee ko umuntu wese aba muri ubu Burundi, cane cane abarundi bokwiruhutsa, maze bagasubiza umutima mu nda. Yashaka ko ata n'umwe yogirirwa nabi, yashaka ko Reta yoba umuvyeyi ahumuriza bose, akabakingira. Ni co gituma yipfuza gushinga Reta itazokwigera igirira imbabazi umuntu azorondera gutera umugumuko mu ntara. Mumpanuro yahaye Abadasigana n’ukuvuga abanywanyi b’umugambwe wiwe, yababwiye ko uwuzoramuka ahagaritse umutima abantu b'akavantara bari mu Burundi, cabure abo badasangiye umugambwe, ko azoba agiriye nabi cane Uburundi, kandi n'uguhanwa ko azohanwa bimwe bishimitse.
Umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore, yakoresheje amajambo akomeye aranababwira ko abantu bose bazokora nabi bazohanwa vyakarorero. Akaba yagize ati, nduguruye twamugina « Na yo imihimbiri, ibisuma n'abambuzi, nibamenye ko nibafatwa bazohanwa nya guhanwa. Uburundi ni bwo buhejeje kwitorera, none wumva twokwubahuka kubuhemukira mu gukoresha iteka bwaduteye mu kwihora cabure mu kwishima? Ubukuru twahawe tubwirizwa kubukoresha mu guhumuriza Abarundi bose, mu kugwiza urukundo n'amahoro mu gihugu cacu » ndugaye twamugina.
Ivyo vyose vyari vyahagurukanye Umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore, umugambwe CNDD-FDD nivyo umaze imyaka ukorera abarundi atagitabara. Amabi yose nayatari bwaboneke igihe Rwagasore yarwanira intahe yo kwikukira uyu musi niyarangwa mu burundi. Abenshi mu barundi bemeza ko hakenewe uwundi Rwagasore ashobora guhaguruka akongera gahagurutsa abarundi bakarwanira agateka kabo, maze burundi bwacu igasubira kuduzwa n’abarundi batari ko igitugu c’aba CNDD-FDD.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.