Ukwiye kumenya umwansi wawe, aho afise inguvu nyishi naho afise nke, kugira bigufashe kubandanya urugamba rwawe
Tumaze iminsi twiga ivyanditse mu gitabo ca Sun Tzu citwa « L'art de la guerre ». Uno munsi duhereza ku gace kagatatu kavuga ko dukwiye kumenya umwansi wacu, aho afise inguvu nyishi naho afise nke.
Aka kace karasa nivyo twize muri « Les 3 défis d'un combattant de la liberté » hamwe twiga ingirakamaro zo kumenya umwansi wawe. Mu gitabo ca Sun Tzu aravuga ko kumenya umwansi bidakwiye aho ko natwe dukwiye kwimenya bihagije. Ikindi Sun Tzu yongerako nuko umaze kumenya aho umwansi ahobahoba nuko utegura ibintu bitungura (effet surprise) umwansi.
Ibi navyo bisaba amayeri, bisaba kandi ibanga. Ibanga rero n'ikintu gikomeye kuko umenye amabanga y'umwansi uba umufise. Bisaba rero iperereza ni kuvuga ugutwi, ijisho canke ubuhinga bwa none canke amayeri kugira umenye ivyo umwansi wacu arimwo.
Ivyo bikorwa bitungura umwansi birafise akamaro kuri « morale » kuko bitwereka ko dushoboye kandi bigatuma umwansi ajuragirika. Muri make tubandanye twiga umwansi kandi tumenye aho ahobahoba kandi tugendere ibanga muvyo turimwo. Nkaba mpejeje ndabasaba kwiyumvira kuri utu duce dutatu hama ejo tuzorabe ico twokora canke dukosora.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.