Uburundi bwoba bwungutse irindi shirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ? canke ni uburyo bwo kwiyegurira no gufuta ayari ahasanzwe ?
Haraye hemerewe ishirahamwe rishasha ryo gutumatumanako amakuru ry’abongereza LycaMobile. Bamwe bavuga ko bushobora kuba ari uburyo bwo gufuta ishirahamwe Lumitel ryagirizwa kuba ryari irya Petero Nkurunziza na Bunyoni, nayo ishirahamwe Onamob ngo rikaba riri munzira yo guhabwa abikorera utwabo, abo nabo kw’isonga bikavurwa ko rizohabwa umukenyezi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayubaha.
Nkuko biboneka N˚100/058 ryo ku wa 10 Gitugutu 2025, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye, yaraye ahaye uruhusha rwo gukorera mu Burundi ishirahamwe ry’abongereza Lyca Mobile. Iryo shirahamwe rikazoba ryitwa Lyca-Mobile Burundi.
Iryo shirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ryaraye ryemerewe, bamwe bemeza ko rikorera no mu Bihugu, rikaba risanzwe rizwi mu gutanga seruvise zo guhamagarana hamwe na Internet ngendanwa. Ubu rikaba rigiye gutangura gukorera hano mu Burundi.
Bamwe rero bakaba bavuga ko bushobora kuba ari uburyo bwo gufuta ishirahamwe Lumitel, baryagiriza kuba ryari irya Petero Nkurunziza na Bunyoni, nayo ishirahamwe Onamob ngo rikaba riri munzira yo guhabwa abikorera utwabo, abo nabo bagiye kurihabwa hakaba haza kw’isonga umukenyezi w’umukuru w’igihugu Angeline Ndayubaha, ko ariwe yoba agiye kurihabwa.
Vyanditswe na Aline MUNEZERO.