Nagire ngo tuyage ku makuba igihugu caciyemwo mu kwezi kwa gitugutu 1961 no 1993
Ni ibihe bisa canke bifise ico bihuriyeko n’ivyabaye mu kwezi kwa Gitugutu mu myaka y’1961 no mu 1993? Dutangure kubishaka gusa muri ayo makuba.
Iyo myaka hishwe indongonzi zikomeye mu gihugu. 1961 hishwe umuganwa Ludoviko Rwagasore haciye ukwezi kumwe umugambwe wiwe UPRONA ustinze amatora y'abashingamateka. Hama 1993 hicwa umukuru w'igihugu Ndadaye Melchior nawe hari haciye amezi atatu umugambwe wiwe FRODEBU ustinze amatora.
Ikindi bose bari bahuriyeko, ni uko bari batowe n’abanyagihugu mu matora. Amatora gushika uno munsi ata muntu n’umwe yovuga ko yarimwo ubusuma nkubumaze igihe bwibonekeza mu matora atunganywa na CNDD-FDD.
Ikindi ni uko intsinzi ya Rwagasore imaze kuboneka imbere yuko yitegura kuza gutwara, intwaro z'abakoloni zaragiye. Ivyo kandi birasa n’igihe Ndadaye Merchior atsinze, nahonyene hari haciye igihe uburundi buri mu ntwaro za gisirikare. Izo ntwaro zose zaba izo zabakoloni canke mbere nizo za gisirikare, zarangwa n'igitugu, amacakubiri eka n'ayandi mabi yatumye abarundi n'uburundi tuguma mu bibazo bitagira izina.
Ibi bintu umuntu abiravye neza, nubu muriyi myaka cane cane uwu tugezemwo wa 2025 hari ibintu vyinsi bisa cane. Ibibazo rero bica biba vyinshi, Mbega abarundi twoba tudatera mbere mu gutunganya igihugu? None CNDD-FDD ko gutemba atagisivya bivuga ko abazoyikura bashobora kugira ibibazo?
Niko abarundi tumaze igihe twipfuza impinduka. Ariko ico twomenya ni uko iri hinduka duharanira n'ihinduka rigana ku mahoro arama, iteka n'itekane ku barundi bose. Bisaba rero kwitegura bikomeye, bigasaba kurinda no gukingira iyo ntsinzi turiko turarondera. Ivyo ni kugira aya makuba turiko turayaga ntaze asubire kuba.
Mbega amakuba yabaye mu kwezi kwa gitugutu 1961 no 1993 nizihe ngaruka yagize muri politique hamwe no buzima bw'abarundi ?
Muri politique ingaruka ni nyinshi kuko iyicwa ry’Umuganwa Rwagasore na Perezida Ndadaye vyatumye igihugu gipfakara hama hakurikira inyinyurana mu baskaka kubasubirira. Rwagasore amaze kwicwa haje impari mu mugambwe UPRONA. Ivyo vyagiye birakura gushika naho bidushikana ku macakubiri afatiye ku bwoko. Aho twovuga nkivyabaye muri 1965 na 1972 ko ari ingaruka y'ibibazo vyagiye biraza kuva bishe Rwagasore.
Perezida Ndadaye amaze kwicwa nawe ntivyoroshe na gato. Yicanywe n'abo bakorana batari bake eka nabo ibwirizwa nshingiro (constitution) ryategekanya ku musubirira nabo nyene barishwe. Aho iyicwa rya Perezida Ndadaye ritandukanye niry’Umuganwa Rwagasore ni uko kuri Perezida Ndadaye ubwicanyi bwatanguye Ndadaye agipfa. Aho nahone inyinyurana muri politique ryabaye imyaka myinshi irenga cumu. Mbere ninyuma y'amasezerano ya Arusha yarateweko umukono impari ntizari bwahere. Ngaha twovuga ko n’umugambwe wiwe Sahwanya FRODEBU nawo nyene wagiye urata inguvu, uyu musi mbere ukaba ugeze kure. Icibonekeza nuko amakimbirane muri politique iyo abantu bashize imbere inyungu zabo, hanyuma bakabishiramwo amacakubiri n'ikintu kibi cane ku gihugu no ku bantu baba muri ico gihugu. Iragi yayo makimbirane niri turiko turabona «CNDD-FDD».
Ingaruka ku bantu ni nyinshi:
-Ayo makuba ubwa mbere yasize amarira mu miryango ya Rwagasore na Ndadaye;
-Ubwa kabiri abanyagihugu isinzi baragandaguwe kandi benshi bazize ubwoko;
-Ubwa gatatu impunzi zabaye nyinshi kuburyo kuva 1965 igihugu cacu cama gifise impunzi;
-Ubwa kane ubukene, inzara, vyaratse indaro mu Burundi-
-Ubwa gatanu kubera ivyo bibazo n'ingwara zo mu mutwe ni nyinshi mu gihugu. Aha benshi usanga turwaye naho degré zitangana;
-Ubwa gatandatu urwanko hagati yacu bufatiye ku bwoko n'intara nubu muri 2025 biruzuye. Murumviriza ku muga hwaniro muri vyabiganiro vibera kuri za space ibivurwa womengo ntitukiri abarundi ahubwo bamwe n'abatutsi abandi n'abahutu.
Izi ngaruka turiko turayaga hariho n'izindi nyinshi ariko novuga ko ari kurata indwara turwaye kuko turakeneye kuyikira. Ariko mukuyikira tugomba gufata imiti ujanye nindwara turwaye. Uwo nawo si uwundi, ni uko abarundi twirinda kandi tukavavanura n'amacakubiri ayariyo yose, kuko arivyo ntango y’indwara turwaye.
None Abarundi n’ikihe cirwa twakuye mwigandagurwa ry’Umuganwa Rwagasore na Perezida Ndadaye?
Umwami Mwambutsa ariwe yavyaye Umuganwa Ludoviko Rwagasore n’umuvyeyi wa Perezida Ndadaye amajambo bavuze twari dukwiye kuza turayibukanya na cane cane iyo turiko turibuka ayo makuba.
Mwambutsa yavuze ngo: Nduguruye twamugina «Uwugomba kumpoza ntampore». Nayo umuvyeyi wa Perezida Ndadaye avuga ati: nduguruye twa mugina «Uwunkunda, ntakwirikize amaraso umwana wanje». Aya majambo ni nkoramutima kuko yerekana ubutwari, ugukunda igihugu n'abantu. Ni amajambo agaragaza Ubuntu. Amatora meza atarimwo ubusuma ni kintu ca mbere gishobora kuduha indongonzi zitorewe n'abanyagihugu kandi bidaciye mu nguvu.
Iyicwa rya Perezida Ndadaye ryakurikiwe n'ubwicanyi bufatiye ku bwoko. Mu cegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONI, bavuga ko habaye ibikorwa v’yihonyabwoko ryakorewe abatutsi. (Des actes de génocide contre les tutsis). Ariko kandi na bahutu benshi barishwe inyuma yiyicwa rya Perezida Ndadaye.
Ubwicanyi bwo kuri urwo rugero ntibwari ubwa mbere bubaye, kuko no 1965 na cane cane 1972 inganda zaratikiye kandi kumpande zose. None twashitse ngaho gute? N'ibintu vyinshi harimwo inyigisho mbi z'ihonyabwoko, ikumirana, aba nya politique bakwiza urwanko mu bantu kubera inyungu zabo. Twebwe abarundi buno musi, dutegezwa kwiyamiriza ivyo bintu vyigishwa canke bikwiragiza amacakubiri mu burundi no mu karere.
Kurwanya ubutegetsi biradusaba ko tuba dufatanye munda «solidaires», hanyuma tukaguma dufatanye munda n’igihe twoba twashitse kubutegetsi. Kuko inyinyurana ryagiye riribonekeza hagati ya bamwe mubagendanye nabagiye barashikira ubutegetsi canke gushira imbere inyungu zabamwe, vyatumye ihangiro canke imigambi myiza izo ntwari zabarundi idashikira abanyagihugu.
Raba umugambwe UPRONA urabe n’umugambwe Sahwanya FRODEBU uko vyagenze. Raba kandi umugambwe CNDD-FDD uko biriko biragenda. Eka no muzindi mpande zivuga ko zirwanya ubutegetsi uyu musi, mwirirwa murabona gucanamwo kudasanzwe, aho aba nabariya birirwa barartyozanya, abandi kubera inyungu zabo muhora mubona biyonkora bagahitamwo kwigira gukorera ubutegetsi, bafise intumbero yo kugira ico baronka.
Dukwiye kumenya kandi tukigisha ko «C'est le peuple qui donne le vrai pouvoir». Hanyuma hari umugani w’ikirundi uvuga ngo «Kwiba ingoma ntibigoye nko kuronka aho uyivugiriza». Ikindi ni ukwibuka ko «Aha turi hari abandi, ejo hazosubira abandi»
Vyanditswe na Jeannette KAMIKAZI.