Abanyagihugu bamenyesha ko atakamaro ko hamarwa gukoreshwa ibibazo co guhiganirwa akazi kubera gahabwa abanywanyi b’umugambwe CND-DFDD gusa
Nkuko bimenyeshwa n’abanyagihugu baheruka gukora ikibazo co kuronka akazi k’abigisha muri Komine Gitega, bamenyeshako atakamaro kuko babandanya bahamarwa gukoreshwa ibibazo, kandi gaheza kagahabwa abanywanyi b’umugambwe CND-DFDD gusa.
Mugihe haheruka guhamagarwa abipfuza gusaba akazi k’abigisha mu gita c’indero muri Komine Gitega, ikibazo cakorewe kw’ishure ry’ubuhinga CHRIST-ROI ryaho i Gitega nyene, kw’igekerezo rya 12 Nyakanga 2025, aho hari hakoreye abagera ku 1365 muribo, aba D6 bakaba bari 165, aba D7 nabo bakaba bangana na 837, mugihe aba Kaminuza bagera kuri 363, ivyaraye bitangajwe nkinyishu zabakoze ico kibazo ntivyemerwa nabakoze ikibazo. Ahubwo babona ko kwabaye kubahuma amaso bakabahamagara yamara akazi bahejeje kugatanga.
Kuri uyu wambere igenekerezo rya 13 Gitugutu 2025, niho hatangazwa amazina yabaronkejwe ako kazi kubwigisha muri Komine ya Gitega. abari bakoze ico kibazo bakaba bemeza ko ako kazi kahawe abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi gusa CNDD-FDD. Muri ivyo vyatangajwe, ku abigisha bari bakoze ikibazo bose hamwe muriyo Commune ya Gitega ni 1365, abo nabo bakaba bari bagizwe n'abize ibisata bitandukanye vya Kaminuza 363, abafise diplome ya D7 837 hamwe na D6 165.
Muri abo bose abatangajwe ko baronkejwe akazi ku bantu 837 bari bakoze ikibazo baba D7, ni 72 harimwo abatwa 2, harimwo umugabo 1 n'umugore 1. Nayo muba D6 bagera 165 bari bakoze ikibazo, haronse harose akazi abarimu 5. Mwomenyako muba Kaminuza naho hari hakoze bagera ku 363, ariko abaronkejwe akazi bangana na 37. Abo nabo bakaba bazokorera mu bisata bikwirikira: muri Geographie 1, Maths 4, Genie Electrique 1, Genie mecanique 2, Physique et Technologie 5, Anglais 2, TIC 6, Biologie/Chmie 1, Economie 7, Réseaux Telecom 3, Comptabilité1, Géographie1, SPA 1, SPV2, STA2.
Mugihe rero amwe mu mayeri akoreshwa kugira ngo ako kazi gahabwe abanywanyi b’umugambwe uri kubutegetsi CND-DFDD, bakunda kwitwaza ko ari abakorera bushake, kuko nubundi bivurwa ko abakutsakivi bahabwa amanota 15 imbere y’abandi mu gihe bahiganywe n’abandi mu kibazo gitanga akazi ko kwigisha mu mashure nshingiro n’inyuma y’ishure nshingiro, abanyagihugu bakoze ikibazo bobo bemeza ko no kugira ushobore kugira ayo mahirwe yo kuba umukorerabushake, ngo utegerezwa kuba uri mu mugambwe CND-DFDD.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.