Umunye politike atavugarumwe n’ubutegetsi bwa Kenya, akaba yahoze ari n’umushikiranganji wa mbere Raila Odinga yaraye aryamiye ukuboko kwabagabo
Nta munya Kenya kugera uyu musi atazi Raila Odinga nk’umuntu adasanzwe afise inguvu zo kwanka no guhagurutsa abanyagihugu atabwoba bakanka ivyo bariko barakorerwa n’abategetsi. Ku myaka yiwe 80, uwo atavugarumwe n’ubutegetsi bwa Kenya, Raila Odinga yahoze ari n’umushikiranganji wa mbere wico gihugu, yaraye ahitanywe n'ingwara y'umutima ejo haheze igenekerezo rya 15 Gitugutu 2025, iyo yari asanzwe ari kwivuriza mu gihugu c’U Buhindi.
Raila Amolo Odinga yavutse itariki 7 Nzero 1945, akaba yavukiye i Masemo mu buseruko bwa Kenya. Se wiwe akaba yitwa Jaramogi Oginga Odinga, akaba ari nawe yabaye icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu ca Kenya, inyuma y'ukwikukira kw'ico gihugu.
Odinga, ni umuntu adasanzwe kandi afise ikintu avuze ku banyagihugu bo muri Kenya, kuko yavuga ijambo abanyagihugu hirya no hino mu gihugu bakaryumva. Yarafise inguvu zo kwanka no guhagurutsa abanyagihugu atabwoba bakanka ivyo bariko barakorerwa n’abategetsi, adatinye igitsure c’abategetsi. Uwo munye politike kandi yariyamamarije ikibanza c’umukuru w’igihugu incuro zirenga 4 ariko ntiyashoboye kugira amahirwe yo kuba umukuru w’igihugu, bikaba vyagiye biravurwa ko yibwe amajwi. Igihe cose yitavye amatora akaba yagumye amenyesha ko atemera ivyayavuyemwo kubera yibwe.
Urugendo rwa poritike rwiwe muriyo myaka 80, yabaye umu nyeporitike yaharaniye intwaro y'imigambwe myinshi, akaba yagiye arahangana n'intwaro zitandukanye. Yarapfunzwe incuro zitari nke, izina ryiwe ryaramenyekanye mubanya Kenya nk'uwutavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Kenya.
-Mu mwaka w’1990, niho yatangura kumenyekana muri poritike ya Kenya. Uwo mwaka akaba yaratowe kuba umushingamateka;
-Yari amaze kwitoza kuba umukuru w'igihugu ca Kenya incuro 5 (1997, 2007, 2013, 2017 no mu 2022), ariko ntiyigeze aronka intsinzi, mbere n'ivyavuye mu matora akatari gake ntiyavyemeye ;
Mwomenya ko Raila Odinga yitavye Imana, mugihe yaheruka guhabwa amabanga yo kwumvikanisha ibihugu biri mu ndyane za poritike mu karere, nko muri Sudani y'epfo n’ahandi.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.