• Home
  • ACTUALITÉS
  • Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2025, itsinzi y'urukundo ku rwanko niyo yiginwe n'ikigo Maison Shalom. Ico kigo kikaba kirumanije imyaka 32 kibayeho. Ibirori bikaba vyari bihagarikiwe n’Umupfasoni Maragarita Barankitse yashinze ikigo Maiso

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2025, itsinzi y'urukundo ku rwanko niyo yiginwe n'ikigo Maison Shalom. Ico kigo kikaba kirumanije imyaka 32 kibayeho. Ibirori bikaba vyari bihagarikiwe n’Umupfasoni Maragarita Barankitse yashinze ikigo Maiso

Imyaka 32 irarumanye umunsi ku wundi, hashinzwe ikigo Maison Shalom. Ibirori vyo kwigina iyo ntsinzi y'urukundo ku rwanko bikaba vyabereye i Kigali mu gihugu c'urwanda mu kigo c'abapatiri bo mu muryango w'abajésuites, centre christus Remera.

Vyatangujwe n'inkuka ya misa yo gukengurukira Imana yo Rukundo ruhebuje yatumye umupfasoni Maragarita Barankitse atihebura mu bihe bikomeye kuva ikigo Maison Shalom gishingwa mu Ruyigi ku wa 24 Gitugutu mu 1993, inyuma y'igandagurwa rya Prezida Melchior Ndadaye, abantu bari mu mwiheburo udasanzwe kubera kubura ababo no kutabona kazoza kabo.

Nkuko yabivuze mw’ijambo ryiwe yashikirije abitavye ivyo birori, Maragarita Barankitse yavuze ko ukwemerako kwiwe arikwo kwamutumye ahagurukana abana bari mu ngorane zitagira uko zingana zirimwo nizo kubura abavyeyi kubera urwanko kw'italiki nk'iyi.

Kubwiwe kandi, munsi y'umusalaba hama hariho abantu bahaguruka ntibagire isoni, babitumwe n'urukundo. Nkuko vyabandanije bivurwa n’Umupfasoni Maragarita Barankitse yashinze ikigo Maison Shalom.

Abibaza ko uyu musi umupfasoni Maragarita Barankitse yari gucura intimba kuko ushitse yarangajwe co kimwe n'abandi barundi kubera urwanko, arabahumuriza kuko ata na rimwe urwanko ruzotsinda. Uwuri kumwe n'Imana nta na kimwe comutera ubwoba.

Umupfasoni Maragarita Barankitse yaboneyeho n’akaryo ko gushimira abamufashije mu bihe bitoroshe yabayemwo mu rugendo rwiwe rwo guhagurukana abana bari mu ngorane ngo basubire kugira umwizero w'ubuzima. Arashimira kandi abo basangiye uyu musi kwigina intsinzi y'urukundo ku rwanko aho avuga ko Maison Shalom i Burundi ataco yatakaje kuko yahunganye urukundo.

Kubw’Umupfasoni Maragarita Barankitse, ngo yahagurutse kuko yemera urukundo aruvuge. Atumirira abantu kuninahaza urukundo rw'Imana, abahunze n'abatahunze ntakizobatsinda kuko uwemera urukundo rw'Imana yamana intsinzi.

Tubamenyeshe ko inyuma y'inkuka ya Misa yo gukengurukira Imana, ibirori vyaciye bibandaniriza aho nyene mu kigo c'abapatiri b'abajésuites kiri i Remera mu gisagara ca Kigali gisanzwemwo muri kino gihe icicaro gikomeye c'ikigo Maison Shalom.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

 

Partager cet article !