• Home
  • ACTUALITÉS
  • Benshi mu barundi bariko barabona ibiriko biraba mu gihugu ca Tanzaniya, bamenyeshako abanyagihugu bo mu bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, ngo harageze ko bikangura bakikurako intwaro zigikenye n’agahotoro zibazengereje

Benshi mu barundi bariko barabona ibiriko biraba mu gihugu ca Tanzaniya, bamenyeshako abanyagihugu bo mu bihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, ngo harageze ko bikangura bakikurako intwaro zigikenye n’agahotoro zibazengereje

Abanyagihugu ba Tanzanie barabandanya imyiyerekano yo kwiyamiriza inkinamico y’amatora yaraye ibaye. Kuri uyu musi wa kabiri w’imyiyerekano, bariko barasaba ko umukuru w’igihugu Samia Suruhu n’izindi nzego bakinjura hakajaho Reta mfatakibanza yoca itunganya amatora yukuri

Naho Reta ya Tanzaniya yari yaraye ishizeho amategeko abuza abanyagihugu gusohoka, igategeka ko n’abakozi ba Reta bakorera mu mihana iwabo, ntivyabujije abanya Tanzaniya gusohoka kubandanya imyiyerekano batanguye ku musi wejo. Kuva mu gatondo ahatari hake, bakaba basohotse bihereza amabarabara. Abakora imyiyerekano bakaba batigeze batinya abasirikare n’igipolisi vyari vyarungitswe mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Ivyo vyose biriko biraba mugihe uwurongoye abatavugarumwe n’ubutegetsi bwigihugu ca Tanzaniya Tundu Lissu ari mw’ibohero inyuma yo kwagirizwa ko yahemukiye igihugu.  Nayo Luhaga Mpina, yari yitoreje mu kibanza c’umukuru w’igihugu aturuka mu mugambwe nawonyene utavugarumwe n’ubutegetsi kandi ukomeye, yabujijwe kwitoza.

Muri kino gihe umurwi ujejwe amatora murico gihugu, ukaba umaze gutangaza ibiharuro hirya no hino mu gihugu, bigaragaza ko umukuru w’igihugu Samia Suruhu Hassan ariwe aza imbere ku majwi arenga 9 %. Tubibutse ko umugambwe uri kubutegetsi Chama Cha Mapinduzi (CCM), ariwo wagumye urongoye igihugu ca Tanzaniya kuva cikukiye mu mwaka w’1961.

Benshi mu banyagihugu babarundi bariko barabona ibiriko biraba, bamenyesha ko uko ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko vyarose intahe yo kwikukira bakikurako abakoloni, ngo harageze ko nuyu musi abanyagihugu bo murivyo bihugu vya Afrika yubuseruko vyikangura bikikurako intwaro zigikenye n’agahotoro zibazengereje.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !