Kubera ubusuma bubangamiye, abanyagihugu bo muri karitiye Gisyo ya 4, basaba gukingirwa n'ivyabo. Ikindi basaba abajejwe intwaro harimwo n’umukuru w'igihugu, ni ukuronswa umuyagankuba nk'abandi kugira ubusuma bugabanuke

Ubusuma burarembeje abanyagihugu bo muri karitiye Gisyo ya kane, komine Mugere mu ntara ya Bujumbura. Amabateri y'amamodokari ari mu rugo, amaterefone yamburwa abarengana nivyo abasuma bakunze kwiba. Abanyagihugu bo mu Gisyo ya kane bamenyesha ubusuma bwabaye ndanse iwabo bitewe n'uko batagira umuyagankuba, imihana ifise umuyagankuba ikaba ari imparurwa naho nyene ngo ntawumenya uburyo iyo mihana iba yashoboye kuwuronka. Abanyagihugu barababazwa nuko abasuma bafashwe badahanwa.
Muriyo karitiye Gisyo ya 4, abanyagihugu babangamiwe n'ubusuma n'ababa kuryi ndwi hepfo y'ibarabara, ababa muri nyabaranda no musi yaho. Abafise imodoka ntibagisinzira kubera abasuma burira urugo mw'ijoro bakiba amabateri y'imiduga. Muri kino gihe ngo hadutse n'ubusuma bw'amatelefone. Uwutashe bwije hari abahungu b'imisore bamwe baba muriyo karitiye bavuga ko ari abazamu bama chantiers atarahera n'abandi bava nko muri quartier kajiji bagenda muri Gisyo ya 4 gutegera abatashe bwije, bakabambura amaterefone ngendanwa yabo.
Abanyagihugu bo mu Gisyo twaganiriye ariko batashimye kuduha amajwi, bavuga ko ubwo busuma bwose bwimonogoje kubera ibura ry'amatara mu makaritiye yabo cane cane mw'ijoro, aho bita ku musozi hoho nta matara ahari kandi ari quartier iri viabilisé. Abanyagihugu baho ngo barasavye regideso ibahe amatara ngo vyarananiranye, amatara afiswe n' abantu bakeyi atawumenya ingene bayaronse.
Ikibabaje abanyagihugu nuko n'umusuma afashwe atarara mu gasho. Akarorero gatangwa nuko aho nyene hari umunyagihugu yibwe ibateri mu ndwi iheze ku musi wa gatanu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2025, umusuma yibagirira umupanga muri urwo rugo. Nyenurugo avyutse asanga yibwe atora uwo mupanga aratembera muri karitiye abaza nyene umupanga aho yahavuye aboneka. Bamutwaye kuri zone kanyosha, inyamiramabi aho kugira amatohoza yimbitse yateye irekura uwo mwene umupanga, nyene kwibwa ataha yimyiza ibamfu.
Ku wa 02 Gitugutu 2025 , hari uwundi musuma yagiye kwiba ku rugo rw'intwazangabo mu gipolisi ngaho nyene muri Gisyo ya 4 hafi y'umusigiti ariko yiba inkoko. Uwo ariko ntiyagize amahirwe yo kubaho kuko uwo mupolisi mwene urugo yamurashe ubwo nyene aba aracikanye. Ico gihe uwujejwe karitiye yarahashitse. Abanyagihugu bakibaza nimba abajejwe intwaro n'abapolisi bazoza baraseruka aruko umuntu yahasize ubuzima canke ko bakwiye gukora kugira bakinge ibara ritararwa mukuronsa abanyagihugu umuyagankuba bakava mu mwijima bikabayobera.
Abanyagihugu bo muri karitiye Gisyo ya kane bavuga ko basavye uwubarongoye ngo bicungerere umutekano mugushiraho abo bita abasiti bohembwa n'abanyagihugu, ariko inyishu ngo yama ari rindira rindira.
Abo banyagihugu basaba gukingirwa hamwe n'ivyabo. Basaba kandi abajejwe intwaro harimwo umukuru w'igihugu kubafasha baronswe umuyagankuba nk'abandi kugira ubusuma bugabanuke. Abandi banyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko abajejwe gutanga umuyagankuba badahawe ibiturire bitagira uko bingana badashobora kuronsa abanyagihugu umuyagankuba. Bakanababazwa n'uko atari umuyagankuba wa gusa baba baronkejwe. Ku bwabo, intwaro idashobora kwitwararika kuronsa umunyagihugu ivyo akeneye ata biturire birinze gutangwa na rirya biba vyinjiriza reta nyene, abarundi ngo bova hasi bakayirukana.
Inkuru yanditswe na Ninette Nancy MUTONI.









