Uruganda rwa Radio Haguruka rwabateguriye umwihwezo, kuvyerekeye amagorwa n’ingorane abanyagihugu babarundi babayemwo
 
Turafise ingorane mu gihugu y’uburongozi bwitaho ineza y’abanyagihugu. Indongozi dufise ni izihiganirwa gusa kwironkera amatungo ku neza canke ku nabi. Ayo namwe mu majambo ariko avugwa n’abanyagihugu baravye ingene bagowe ayatavugwa ariko ugasanga abategetsi ngo bitwa ko bahawe n’umugambwe CNDD-FDD baratunze vyinshi ngo kandi ataribo bakozi ba mbere mu gihugu kurusha abandi banyagihugu.
Abo banyagihugu bavuga ko Umukuru w’igihugu nawe yobahanye ngo aguma yizungurukira mu gihugu ngo ukamenga niwo murimo abarundi bamushakako. Basaba abarundi bose gufatana mu nda bahaguruke bashireho indongozi nyazo zitunganya uburundi uko abarundi bavyipfuza.
Umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi nawo kuva mu mwaka w’2005, inyuma y’amatora ya mbere yabaye habaye amasezerano ya Arusha yasinywe hamaze guseseka amaraso menshi y’abarundi.
Ivyayo masezerano ntitwobigarukako, ico twovuga gusa yari yatumye abarundi bavuga bati tugiye kwiruhutsa, turondere ibiduteza imbere bigateza imbere n’igihugu mu mahoro no mu mutekano, abarundi twongere tunywanye dukorere igihugu catwibarutse dufatanye mu nda. Yamara, abanyagihugu haguhema ahubwo basanze binjiye mu ntwaro y’igikenye itari bwigere ibaho mu gihugu c’uburundi. Ubutegetsi bwa CNDD-FDD ntibwigeze buha agahengwe abarundi.
Abatari bake baramaze kwicwa, kunyuruzwa bakaburirwa irengero, gupfungirwa ubusa, kunyarwa ivyabo, kuborezwa igufa, kwangazwa n’ubwo butegetsi. Abangajwe bamwe bagorewe mu makambi y’impunzi yo u bihugu vyo hafi y’uburundi na kure y’uburundi, abari mu gihugu ca Tanzaniya reta ikomoka mu mugambwe CNDD-FDD ntihengeshanya gutoteza mu buryo bwose bushoboka abana b’uburundi ikoranye na reta y’incuti yayo yayifashije mu gihe c’intambara mukuyiha ibirwanisho ngo nivyo gufasha guhabuza demokarasi mu Burundi, demokarasi yaciye ihambwa n’ubutegetsi bwitwa ko bwarwanye bushaka kuyitsimbataza, iva kwitwa demokarasi yubakiye ku migambwe myinshi, uyu musi igeze kwitwa demokarasi yubakiye ku mugambwe umwe rudende CNDD-FDD.
Abakera bati: ikinyuma nyuma kirazira. CNDD-FDD yarwanije intwaro y’umugambwe umwe UPRONA biciye mu mugambwe SAHWANYA-FRODEBU watanguye gutsinda amatora mu 1993, uyu mwaka umugambwe CNDD-FDD wikoze ku bubasha ufise wiba amatora, uriyimika nk’umugambwe umwe mu nzego zose z’igihugu kuva kuri nyumba kumi gushika ku mukuru w’igihugu.
Bamwe n’abandi bakabona ko abategetsi bakomoka muri CNDD-FDD bagiye bubaka ubutegetsi bwabo bakoresheje ikinyoma kuko iyo hataba ikinyoma ntiborwanije ubutegetsi bwubakiye ku mugambwe ngo baheze uyu musi bagarukane ubutegetsi bwubakiye ku mugambwe umwe nyene naho nyene ataco buriko burafasha abarundi uretse kumbira imva ku bwinshi, abagihema nabo bakaba bahumeka vyanka kuko batagira amikora abafasha kuronka ivya nkenerwa bituma babaho mu gasusuruko.
Ukubura akazi, imiti, igitoro, uko biyunguruza, amafranga, ibifungurwa, ubutungane n’ibindi, ukwakwa ibiturire mu kintu cose abanyagihugu bafitiye uburenganzira mu gihugu cabo, vyose vyahinduye abanyagihugu abaja b’akagwi k’abategetsi bakomoka muri CNDD-FDD kikumirako itunga ry’igihugu, kakirabira hirya ku magorwa abanyagihugu bagowe.
Vyose bigaturuka ku kubura mu mugambwe CNDD-FDD indongozi nyazozishira imbere uburongozi bwiza ari naho abafata ingingo bibwiye ko vyababera vyiza bagarukanye ubutegetsi bushingiye ku mugambwe umwe baheze baronke ingene barya igihugu gushika bagishikanye ku Mpanda nkuko n’umukuru w’igihugu aherutse kubitangaza ko azi neza ko ari kumwe nabo bantu mu butegetsi bwiwe.
Gutorera inyishu ibibazo bihanze abarundi vyamunaniye, umukuru w’igihugu Evariste NDAYISHIMIYE yahisemwo kwiyegereza abanyagihugu mukubagendera agatondo umugoroba ngo niho bobona ko abitwararitse. Ingendo amaze kugira mu gihugu zirarenze, ubu yitwaza ko ariko ashikiriza abasitanteri b’amakomine mashasha. Abihweza ibintu n’ibindi bakavuga ko abikora mu kandi mu ntumbero yo kwiyamamaza kuko amatora y’umukuru w’igihugu asigaje ikiringo kiri munsi y’imyaka ibiri.
Abanyagihugu yamara batanguye kwerekana ko bamaze kurambirwa n’intwaro yiwe ndetse niy’umugambwe umwe CNDD-FDD. Kwirirwa arazunguruka mu banyagihugu, abanyagihugu bavuga ko atari murico kibanza kugira ngo aze arabiyereka agatondo umugoroba, ngo bashaka umukuru w’igihugu babonera mu bikorwa, amaso mu yandi bakamubona rimwe na rimwe bibaye ngombwa.
Ku musi wejo hahise igenekerezo rya 30 Gitugutu 2025 muri komine nshasha ya Nyanza mu ntara ya Burunga yakiriwe n’abanyagihugu bari ku rushi, uwo mwumvise akaba umunywanyi w’umugambwe CNDD-FDD avugira aheru ko ubutegetsi bwabo bwamaze kurambira abanyagihugu. Biruko mu gihe n’i Mwaroku wa 27 Gitugutu 2025 aho Evariste Ndayishimiye yari aramutse yugurura umwaka w’uburimyi, umusi wahuriranye n’ihimbazwa ry’umusi mpuzamakungu w’imfungurwa yitabwe n’abantu bake cane.
Abanyagihugu bamwe rero basaba abarundi bose gufatana mu nda bahaguruke bashireho indongozi nyazo zitunganya uburundi uko abarundi bavyipfuza.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









