Nibwo bwambere mu mateka y’igihugu ca Tanzania, umukuru w’igihugu arahirira mu mpisho kandi abanyagihugu bariko baramwiyamiriza mu bice bitandukanye vy’igihugu
 
Kuri uyu wa 3 Munyonyo 2025, umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan wa Tanzania ahejeje kurahirira mu mwiherero gusubira kurongora igihugu ca Tanzaniya, ikiringo ciwe ca kabiri.
Ivyo birori vyo kurahira kwiwe bikaba vyabereye ku kibuga ca gisirikare kiri ku murwa mukuru wa politike Dodoma. Bikaba vyitabwe n’abantu bake cane batumiwe, bagizwe n’abategetsi bakuru, abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu, hamwe n’intumwa z’ibihugu ziva hirya no hino. Mu bashitsi b’iteka bashoboye kuhaboneka, harimwo umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye, uwa Zambia Hakainde Hichilema, uwa Somalia Hassan Sheikh Mohamoud, uwa Mozambike Daniel Chapo, hamwe n'abandi bategetsi b'ibihugu bigenzi na Tanzania vyo muri Afrika y'Ubuseruko n'iy'ubumanuko.
Muri kahise kigihugu ca Tanzaniya, ibirori canke umugirwa wo kurahira kw’umukuru w’igihugu, vyahora bibera muri stade, bigaheza bikitabirwa n’isinzi ry’abanyagihugu bose bavyipfuza. Ibiriko biraba bikaba bitangaje ku gihugu cahorana kahise keza nka Tanzaniya.
Mwomenyako naho umukuru w’igihugu Samia Suluhu Hassan wa Tanzania, ahejeje kurarahirira gusubira kurongora igihugu ca Tanzaniya, hirya no hino imyiteguro yo kumwiyamiriza hamwe mbere naho bariko baragerageza kumwiyamiriza bikibandanya. Ivyo mbere akaba ari navyo vyatumye, ibirori bibera mu mwiherero ku gutinya ko abanyagihugu bashwara ahoba hariko harabera ivyo birori bakabivurunga.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









