Intwaro ishingiye kuri demokarasi muri Afrika iriko irazimangana. Muri Kino gihe abagabo nka Nelson Mandela, Mwalimu Julius Nyerere, Thomas Sankara, Prince Louis Rwagasore, Ndadaye Merchior n’abandi…bagarutse bakabona ingene Afrika igeze ahatemba, bokoror

Amatora aherutse kuba mu gihugu ca Tanzaniya, aragaragaza ko amashirahamwe mpuzamakungu, nka ONU, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika (UA), ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya (UE), ishirahamwe ry'ubutunzi (SADC), umuryango w'ibihugu vy'akarere k'ibiyaga Binini (CIRGL), ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko (EAC) n’ayandi, atakintu nakimwe akimaze muri kino gihe, kubera ashobora kubona ko amatora atarimwo ibiranga amatora yubahiriza uburenganzira bwanyagihugu, demokarasi n’agateka kazinamuntu, yamara ntihagire ingingo n’imwe aheza ngwafate.
Sibwo bwambere eka si n’ubwanyuma, ahubwo vyarabaye nkumugenzo, ko benshi mu bategetsi bo mu bihugu vya Africa, bakora ibishoboka vyose bakiba amatora bagamije kwigumiza k’ubutegetsi bakoresheje ubwo butegetsi nyene bafise, bakanifashisha n’imirwi bashiraho ibegukira ijejwe kubibira amatora. Biriko biramenyerwa ko amashirahamwe mpuzamakungu, ivyo bihugu bihuriramwo, aheza akanegura ko amatora yabaye adakwije ibisabwa vyose kugira ngo yemerwe, ariko bikagarukira mu kunegura gusa yamara ntaheze ngo afate ingingo zibereye ku neza y’abanyagihugu bivyo bihugu.
Ninavyo rero uyu musi biriko biraba, ku matora aherutse mu gihugu ca Tanzanziya, aho ayo mashirahamwe nka yose yemeza ko amatora yagenze nabi, yamara ntihagire ingingo nimwe afata zijanye n’ubushake bwabanyagihugu. Uburorero akaba ari nkivyashikirijwe n‘ishirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko (SADC), hamwe n’ishirahamwe ry’umuryango w’ibihugu vya bulaya, aho bose bariko baranegura amatora yabaye muri Tanzaniya, ko yabaye amatora ahonyanga uburenganzira n’ubwisanzure bwabanyagihugu, yamara akaba atakindi bariko barakora ngo bahagarike ibintu nkivyo, ahubwo bakaba bagaragaye mu birori vyo gushigikira iyimikwa ry’umukuru w’igihugu yavuye mu matora yamanyanga.
Dutanguriye ku murwi wambere w'intumwa z'ishirahamwe ry'ubutunzi ry’ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko (SADC), umurwi wari warungitswe gukwirikirana uko amatora ariko aragenda, baraye bamenyesheje ko amatora aheruka kuba muri Tanzania, atabaye amatora ashingiye kuri demokarasi y’ishirahamwe SADC. Izo ntumwa zikavuga ko ayo matora yaranzwe no gutera ubwoba abarongoye imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, kubuza abantu uburenganzira bwabo bwo kwitoza canke gutora, hamwe n'igipfungu kidasanzwe vyaranze aya matora.
Nkuko biboneka mw'itangazo bahaye abamenyeshamakuru, abagize uwo murwi wa SADC, bavuga ko naho umunsi w'amatora vyasa nuko hariho amahoro mu bice bitandukanye vy’igihugu, ngo abanyagihugu bari kwitaba ayo matora, ntibashoboye gutora bisanzuye mu bwigenge, ngo bongere bishire kandi bizane bishingiye kuri demokarasi.
Kubwizo ntumwa ryiryo shirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko (SADC), baravuga batarya umunwa ko ayo matora atabayemwo ibiranga amatora yubahiriza amategeko ngenderwako ya SADC, yo mu mwaka wa 2021 ashira imbere demokarasi, nka kimwe mu bifatirwako kugira amatora avugwe ko yabaye meza kandi mu bwigenge, yongere yizerwe mu bihugu bigize iri shirahamwe.
Sivyo gusa, uwo murwi kandi udaciye kuruhande, wamenyesheje ko abiyamamaza mu migambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi batotejwe, barahagarikwa hadakwirikije amategeko batako barapfungwa, abandi baraterwa ubwoba. Uyo murwi ukaba wagiriyeko uvuga no kukibazo c’umukuru w’umugambwe CADEMA Tundu Lissu, atavuga rumwe n'ubutegetsi, nawenyene apfunzwe yagirizwa ivyaha vy'uguhungabanya umutekano no guhemukira igihugu. Ivyaba bimenyerewe kwagirizwa abatavugarumwe n’ubutegetsi bwabakuru b’ibihugu benshi ku mugabane wa Africa.
Kubwa SADC, ivyo bikorwa bisubiza inyuma demokarasi ishingiye ku migambwe myinshi muri Tanzania, kandi bibuza abanyagihugu kugira inyota yo kwitaba amatora. Kubwabo abiyamamaza ntibagize amahirwe amwe bose nkuko bavyipfuza, ivyo navyo bikaba vyatumye urugero rwabatora n’abitoza rugabanuka kuburyo bigoye kwizera ko amatora yabaye ari amatora nyayo kandi yo kwizera, mugihe hari ababujijwe kuyajamwo mu bwisanzure.
Mukurangiza iryo tangazo ryabo, ishirahamwe ry'ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika y'Ubumanuko (SADC), ryagize riti : nduguruye twamugina « Dufatiye ku vyo umurwi wacu wabonye vyose, kandi dufatiye ku kungene icegeranyo cacu giteguwe, tubona ko amatora rusangi aherutse kuba uyu mwaka wa 2025 mu gihugu ca Tanzania atashitse ku rugero rw'amatora ya demokarasi » ndugaye twamugina. Yamara naho bavuze gutyo, ntangingo nimwe bategekanya gufata kandi ntanico bariko barakora ngo basubize uburenganzira abanyagihugu isinzi bahagurutse bakagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ibitagenze neza babonye, bisanzwe vyemezwa niryo shirahamwe.
Irindi shirahamwe rimaze gusohora itangazo naryonyene ryiyamiriza amatora aherutse kuba mu gihugu ca Tanzaniya, n’ishirahamwe ry’umuryango w’ibihugu vya Bulaya (EU). Kubwiryo shirahamwe, babicishije ku murwi wari wabaserukiye gukwirikirana ingene amatora ariko aragenda, berekana amakenga n’impungenge bikomeye ku bibazo vyahabaye, bakavuga ku bikorwa vy'amayeri yakoreshejwe, guhagarika internet, hamwe n'ukutagenda neza kw'amatora. Muri iryo tangazo ryabo, izo nderetsi zivuga ko batewe impungenge n’amakenga meshi yerekeye abanyagihugu bishwe n'abakomeretse bikomeye, bagasaba impande zose kwigumya.
Ubumwe bwa Bulaya (EU) kandi, busaba irekurwa ry'abanyapolitike bafashwe bagapfungwa, hamwe n'amatohoza y'ukuri kandi yimbitse ku makuru avuga abanyurujwe, bakaburirwa irengero hamwe n'ubugizi bwa nabi bundi bwagaragaye.
Nkuko bibandanya bivurwa n’uwo murwi, basaba Reta ya Tanzaniya, ngo gushiraho amategeko atomoye, harimwo kwemerera abiyamamaza ku giti cabo, guha ubushobozi ubutungane bwo gusuzuma ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu, ngo no gukingira inderetsi zakwirikiranye ingene amatora yagenze, no gutuma urwaruka rushobora kugira uruhara mu bikorwa vya poritike.
Mwomenya ko amashirahamwe n’ibihugu vyari vyarungitse inderetsi mu gihugu ca Tanzaniya, hari harimwo, intumwa z'Ubumwe bwa Afrika (UA), umuryango w'ibihugu vy'akarere k'ibiyaga Binini (CIRGL), SADC, hamwe n'Ishirahamwe rya Afrika y'Ubuseruko (EAC), be n'abandi bavuye mu bice bitandukanye vy'isi.
Umuntu yihweje igihagararo cayo mashirahamwe ko badashobora gufata ingingo zisubiza uburenganzira abanyagihugu bahagurutse bakihereza amabarabara mu gihugu ca Tanzaniya biyamiriza ayo matora, akongera akaraba ivyirirwa biraba hirya no hino mu bihugu vyo muri Africa, asanga ayo mashirahamwe atakintu nakimwe akimaze canke agishobora gufasha abanyagihugu.
Mu majambo makeya bisa nuko ayo mashirahamwe atagikora ku neza yabanyagihugu bivyo bihugu bija murayo mashirahamwe, ahubwo akora ku neza y’abategetsi. Ninaco gituma bikwiriye kubera icirwa abanyagihugu kugira ngo abaribo barwanira uburenganzira bwabo.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









