Ihohoterwa ry'abatavugarumwe na leta

Mu kiringo kidashikira ukwezi ngo habe amatora uruhigi rw’abatavugarumwe rubandanya kwibonekeza. 

Bamwe mu bakora amatohoza ku kibazo c'agateka ka zina muntu ku Burundi basigura ko iki cuka ata cizere gitanga kw'itunganywa ry'amatora meza.

Abanywanyi b'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi bababa 90 ni bo bamaze guhagarikwa mu ntara icenda kuva uku kwezi gutanguye, bakongerako hari n’abanywanyi bimigambwe MSD Frodebu n’iyindi nabone babandanya guhirwa buhongo.

Nayo ngo abagera kuri 40 ba CNL barahagaritswe inyuma y'iyicwa ry'abanywanyi babiri b'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi mu ntara za Kayanza na Ngozi mu buraruko bw'Uburundi.

Hari abagirizwa gutunga ibigwanisho no gushaka guhungabanya umutekano w'igihugu mu gihe benshi bataramenyeshwa icatumye batabwa muri yompi.

Bamwe mu bakora amatohoza ku kibazo c'agateka ka zina muntu ku Burundi basigura ko iki cuka ata cizere gitanga kw'itunganywa ry'amatora meza ahubwo ko vyerekana ko amatora ashobora kuzozana akarambaraye mu gihugu.

Inkuru ya Tresor Igiraneza 

 

Partager cet article !