Itangazo ry'umugambwe MSD

Reta y'Uburundi ngo yari ikwiye kubanza gufata ingingo zo gukingira abarundi ikiza ca Corona virus imbere yo kwihutira amatora. 

Mugihe kw’isi yose, tutibagiye ibihugu bibanyi, hafashwe ingingo zikomeye zo gukingira abanyagihugu ku kiza koronavirisi, reta y’i Burundi yoyo nta ngigo zirashe yigeze ifata kubera gutinya gufata izotuma amatora yo muri rusama 2020 yigizwa inyuma, nkuko ibihugu vyinshi biri mu bihe vy’amatora vyabikoze mu ntumbero yo kwirinda ko ico kiza gishwara mu bantu ku bwinshi budasanzwe, ibitaro bigahava birengegwa impfu nazo zikarwira. Ivyo bikaba biri mw’itangazo ryasohowe n’Umugambwe MSD.

Muri iryo tangazo uyo mugambwe ukaba wemeza ko ayo matora araje ishinga reta y’uburundi ngo ntanumwe ayemera kuko adakwije ibiranga amatora meza. Ngo ikindi nuko ataniyindi ntumbero afise atari kugumiza k’ubutegetsi akarwi kari kurushi gafukamye abarundi mu nda, kuburyo ubuzima bw’abanyagihugu ata gaciro kabuha imbere y’ico kiza koronavirisi.

Ngo nta nakamaro rero kw’abantu babandanya basemerera basaba reta gufata ingingo zirashe  zo gukingira abarundi zitangwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS, be n’ayandi mashirahamwe atandukanye kw’isi.

Uyo mugambwe ukavuga ko arico gituma kubera inyifato igayitse ya reta, Umugambwe MSD wahisemwo gutera akamo amashirahamwe yigenga afise icubahiro mu barundi, aha twovuga amashengero abarundi basanzwe bumvira cane, abazi n’abagarabaza imico kama mu buryo butandukanye bashikana kure impanuro batanga, ibimenyeshamakuru abarundi bemera kubera ubuhinga bwiza bikorerako mu gutangaza amakuru, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike afise icubahiro mu barundi kubera ukwitanga kwayo, eka mbere n’abafasoni n’abashingantahe bumvirwa n’abarundi. Ayo mashirahamwe yose n’abo bafasoni n’abashingantahe, Umugambwe MSD ubateye akamo kugira bahamagare abarundi kwitaba impanuro zo kwikingira no gukingira abandi ku kiza koronavirisi. 

MSD ikibutsa ayo mashirahamwe, abo bafasoni n’abo bashingantahe ko bafise uruhara ntagere rwo gukingira abanyagihugu mu gihe reta igaragaza ko itabanezwe, ahubwo mbere ariyo yacitse inkwezi y’umutekano muke kumagara y’abarundi.

Ngo abo bose hamwe canke umwe wese ku giti ciwe ngo barakwiye gukora ibishoboka vyose kugira bafashe abarundi, batarindiriye canke bizere ko harico reta yokora. MSD ikaheraheza imenyesha ko, mu bihe bigoye nk’ibi ngp ariho haseruka abafasoni n’abashingatahe gutabara igihugu.

Iryo tangazo rikaba ryateweko umukono n’Umushingwamanza akaba n’Umunyamabanga Mukuru  w’Umugambwe MSD François NYAMOYA itariki 14 ndamukiza 2020.

Inkuru ya Tresor Igiraneza

 

Partager cet article !