Umwuga wo kumenyesha amakuru urabangamiwe mu Burundi
Ihirahamwe ppuzamakungu riharanira ubwigenge bwo kumenyeshamakuru RSF (Reporters Sans Frontières) mu cegeranyo riherutse gusohora ryemeza ko igihugu c'uburundi kiri mu vya mbrere bihangabanya agateka k'abamenyeshamakuru.
Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira ubwigenge mu kumenyeshamakuru RSF( Reporters Sans Frontieres) rivuga ko Uburundi buri mu bihugu vya mbere kw'isi bihungabanya ubwo bwigenge.
Mu cegeranyo wasohoye kuri uyu wa kabiri, ku bihugu 180, igihugu c’uburundi kiri mu kibanza ca 160 kikaba catakaje ikibanza kimwe ugereranije n'umwaka uheze.
Mu cegeranyo c’uyu mwaka, RSF yemeza ko amakuru yigenga n’ibimenyeshamakuru vyigenga bishobora guherengetera mu Burundi.
Iryo shirahamwe rifise icicaro i Paris mu Bufaransa rivuga kandi ko kuva habaye gushaka gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w’I 2015 ibintu vyakomeje kunyuka muri ico gihugu kiri mu karere ku ka Afrika y’ubuseruko.
Arnaud Froger atwara igisata ca Afrika muri RSF avuga ko Abamenyeshamakuru mvamakungu babujijwe kwinjira gukorera hagati mu gihugu, igihugu cagumye mundyane muri iyi myaka itanu, ubutegetsi bwabandanije ku numya go kuraho ubwigenge bwo ku menyeshamakuru, inkuru zivuga ibidahimbara Leta ntizihanganirwa na gato, aho inkuru zigenga ari nk’ikarata y’uguhamwa mu burundi aho ibinyamakuru bisigaye n’abamenyeshamakuru bahamagarirwa ku ninahaza ubutegetsi bw’umugambwe umwe CNDD-FDD.
Abandanya amenyesha ko Amaradiyo yaturiwe, abamenyeshamakuru hafi ijana barahunga kubera badashobora gukora bigenga ngo nicaje kunyura vyose akaba ari aba menyeshamakuru bo mu kinyamakuru cigenga Iwacu batawe mu mvuto, bagakatirwa imyaka ibiri n’igice y’agahotoro yo gufungwa kubera bubahutse kuja kurondera inkuru.
Abamenyeshamakuru b’Abarundi bama bazi ikibarindiriye, ubu ukwihana mukudakora inkuru zimwe zimwe wabaye umuco, kuko isugerezwa rirakomeje. Tutagiye kure dufate ivyashikirijwe n’umuvugizi wa Petero Nkurunziza aho yagereranije Iwacu n’umugera bitewe n’agakosa koba kabaye mu gusobanura ikiganiro yari yatanze tukaba tuzi ko urwo ruganda rufise abamenyeshamakuru bane mw’ibohero, umwe mubakozi bico kinyamakuru Jean Bigirimana akaba yarabuzwe irengero hagire hahere imyaka ine ata matohoza nyayo abaye.
Biboneka ko amakuru yigenga ariko arapfa mu Burundi nayo abayaharanira bagaterwa ubwoba. Ni icago ku gihugu urabiye ku bihugu biri hagati y’ikibanza ca 160 na 180 ari naco ca nyuma, bigaragara ko ata terambere rishoboka ata bwigenge bw’itangazamakuru », ni ko Arnaud Froger abibona.
Uyo mutegetsi akaba abona ko atacizere kihari ko ibintu bishobora guhinduka, ngo kuko muri rusangi Ubutegetsi bw’Uburundi bwaritondeye neza kuzivya igisata c’itangazamakuru n’ugutahuza neza ko amakuru atifuzwa atazigera yihanganirwa. Urubuga rurugaye. Agatanga akarorero kibimenyeshamakuru bibiri mpuzamahanga BBC n’Ijwi ry’Amerika yugawe n’abamenyeshamakuru bafunzwe bazira umwuga.
Ivyo bikaba biri uko mu gihe hategekanijwe amatora muri rusama itariki 20 bamwe n’abandi bakibaza nimba ayo magtora yogenda neza gute mu gihe atabamenyeshamakuru bigenga bahari bashobora kumenyesha ibiriko biraba ku mwanya ku mwanya.
Inkuru ya Tresor Igiraneza