Umuhari Red-Tabara wemeza ko waraye utanye mu mitwe n'ingabo z'Uburundi zifadikanije nabo zikorana
Umugambi wateguwe na leta y’ibujumbura wo kurungika Abasirikare mu gihugu ca Congo guhiga no kurwanya imirwi y’Abarundi iriyo urabandanya gushirwa mu ngiro ivyo tukabivuga dufatiye ku ngwano zabaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2020 aho kuva isaha z’ibiri zagatondo abarwanyi bo ku birindiro vyabarwanyi b’umuhari RED-TABA batana mu mitwe n’umurwi ugizwe n’abasirikare hamwe n’imbonerakure ninterahamwe n’aba mai mai barongowe na Mtetezi.
Vyose vyatanguye mu ndwi zibiri ziheze aho leta y’uburundi yatangura kwinjiza abasoda bayo ku butaka bwa congo bagiye kurondera iyo mirwi yabarwanyi y’Abarundi isanzwe icumbitse aho muri ico gihugu, iyo mirwi yabo basoda b’Abarundi yinjiye imwe iciye mukiyaga ca Tanganyika iyindi yinjira iciye kuruzi rusizi. Abaciye kuruzi Rusizi bakaba bari bajabukiye ahitwa mu nyamitanga hamwe nahitwa mu Rugombo mugihe abajabukiye mu kiyaga Tanganyika bambukiye ahitwa Ubwari, Makobora na Mboko.
Mwomenya ko abasirikare b’uburundi binjiriye ku ruzi rusizi bashikiye mu karere ka Muramvya ahari birindiro vy’umu colonel yahoze mu gisirikare ca leta ya Congo yitwa Makanika nayo abinjiriye muri Tanganyika bakaba bashikiye mu karere ka Jembwe na Bijabo aho bakiriwe ku birindiro vya Nyamusaraba.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza niho hatangura kuvurwa ko Abasirikare babarundi bari bajabukiye mu kiyaga ca Tanganyika bakakirwa na Yakutumba hamwe na Mtetezi bari bamaze iminsi bariko baragenda bakomeza urugendo bava aho bari bamaze ikiringo c’indwi irenga bagana aho ibirindiro vyabarwanyi bimihari irwanya leta y’uburundi biri mu karere ka Masango, bakaba bariko baragenda baciye mu karere kahitwa Mugipupu bava mu karere ka Jembwe na Bijabo hari ibirindiro vya Nyamusaraba. Ku mugoroba wuwo musi akaba ariho vyamenyekana ko bamaze kugera ahitwa Makenda mw’ishamba rya Intobwe berekeza ahasanzwe hari ibirindiro vy’abarwanyi b’umuhari RED-TABARA aho no muri kino gihe baruhukiye.
Mu makuru Radio Haguruka yahawe n’abamwe mu barwanyi ba Red-Tabara bakorera mu misozi miremire ya Masango batashatse ko amajwi yabo n’amazina tuyashira ahabona batumenyesha ko kuri uyu w’imana kuva igihe c’isaha 8h00 ariho intambara yasutama hagati yabarwanyi b’umuhari RED-TABARA hamwe n’umurwi wabasirikare, Imbonerakure, Interahamwe hamwe n’umurwi waba Mai Mai bari barongowe na Mutetezi bari baje bava ku birindiro vyo kwa Makanika bisanzwe biri ahitwa Muramvya bakaba barwaniye ahasanzwe hari ibirindiro vy’abarwanyi b’umuhari RED TABARA aho bita Masango.
Kubwayo makuru nyene ngo izo ngwano zikaba zagiye guhagarara mu bucagucagu bwo kuri uyu musi wambere aho abarwanyi b’umuhari RED-TABARA bashobora gusubiza inyuma uyo murwi urimwo Abasoda babarundi nabo bakorana bagahitamwo guhungira ku musozi uri hakurya yumusozi bariko bararwanirako witwa Gongwa nayo abarwanyi b’umuhari RED-TABARA bagaca baguma mu birindiro bari basanzwe babamwo vyaho nyene ku Masango.
Mu makuru twashoboye gutohoza nuko mubintu vyahononekariye hari Abasoda 11 b’Abarundi bakomeretse hamwe n’abasoda nyene Babarundi bagera kuri batanu bahasize ubuzima mu gihe ku ruhande rw’umurwi w’Abarwanyi b’umuhari RED-TABARA hari umurwanyi wabo yahakomerekeye.
Mwomenya ko haheze imdwi zigera kuri zibiri radiyo haguruka, amashirahamwe yigemga yo muri ngaho muri congo hamwe na radiyo Inzamba batangaje ko hari abasirikare b’Uburundi bajabutse muri Kongo baciye mu Kiyaga ca Tanganyika abandi ku ruzi Rusizi bagiye kurwanya abarwanyi bo mu muhari Red-Tabara kugirango bababuze gushobora guhungabanya amatora ategekanijwe mu muri rusama itariki ya 20/05/2020.
Twagerageje kurondera umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi Frolibert Biyereke Telephone yiwe ikaba yahamagaye akatari gake ariko ikabura uwuyitaba, nayo mu muhari RED-TABARA tukaba twarondeye umuvugizi wabo barwanyi b’umuhari RED TABARA Capitaine Augustin Ngenzi akaba yatwishuye ko ahanzwe n’akazi kenshi muri kino gihe.
Inkuru ya Bernice Ishimwe