Imyiyamamazo mu Burundi yatanguye
Naho abarundi isinzi n'amakungu babandanya gusemerera ko amatora ariko arategurwa mu Burundi azozana akarambaraye ntivyabujije Reta y'Uburundi gutanga uburenganzira bwo gutanguza imyiyamamazo kuri uyu wa mbere 27 Ndamukiza.
Ukwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'abajenama b'amakomine vy’atanguye kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2020. Abagera kuri indwi umurwi utunganya amatora CENI ukaba aribo wemeje ko bakwije ivya ngombwa, muri abo hakaba harimwo abatanzwe n’imigambwe yabo bagera kuri 5 hamwe nabagera kuri 2 b’igenga. Muri abo bose abagera kuri batandatu ni bo batanguye ico gikorwa.
Evariste Ndayishiye umukandida w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ari nawe y’itwa samurarwa muri uwo mugambwe yugururiye ico gikorwa i Bugendana mu ntara ya Gitega, asanzwe ari n’imvukira yiyo ntara nyene, ikomine isanzwe imaze kubona amahano atari make kuva umugambwe CNDD-FDD ukiri mw’ishamba.
Tubibutseko iyo komine umugambwe CNDD-FDD ukiri mw’ishamba w’ahatikije inganda mu kugandagura Abatutsi bahungiye muriyo Site yo ngaho i bugendana, hanyuma Pierre Nkurunziza agishitse ku butegetsi yereye abanyagihugu bo muri iyo komine ko azohubaka ikibuga c’indege mpuzamakungu, aho ibugendana nyene niho hahambiwe ibwirizwa nshingiro rikomoka ku masezerano y’Arusha tudasize inyuma ko ari naho Pierre Nkurunziza yatangarijemwo ko atazongera kwitoreza iyindi manda.
Abatari bake bagaha insiguro zitandukanye uko kwama ibintu vyose bagomba gukora baza kubitangariza muri komine bugendana. Bamwe bati nkeka ariho imizimu baragurizamwo ikorera, abandi bati ni muri ya ntumbero yo kubandanya inzigo yakazikira yo kuza gukora mu nkovu abanyagihugu ba batutsi bagandaguwe n’uwo mugambwe bakiri mw’ishamba.
Umukandida w'umugambwe CNL Agathon Rwasa we yugururiye ico gikorwa mu ntara ya Ngozi asanzwe avukamwo. Umushingamateka Rwasa yamenyesheje abamushize imbere ko ica mbere azotuza aramutse atowe ari akarenganyo. Yaboneyeho no kumenyesha ko azokwitaho ibiterwa njabukamazi, n’abakozi ba reta baronswe agashahara gatubutse.
Umugambwe Uprona naho ugeze ku mpfiro Gaston Sindimwo yinanase aratangura kw’iyamamaza aho ibikorwa vyiwe vya mbere vyabereye mu ntara ya Mwaro, nayo Leonce Ngendakumana wa Frodebu nayone isa naho nicumbagira akaba yatanguriye mu buraruko bw'igisagara ca Bujumbura, mu gihe uwahoze ari umukuru w’igihugu Domitien Ndayizeye w'urunani Kira Burundi nawe yagiye mu ntara ya Muramvya, uwigenga Dieudonné Nahimana nawe akaba yugururiye imyiyamamazo mu bumanuko bw'igisagara ca Bujumbura.
Umukandida yigenga Francis Rohero umwe rudende niwe atatanguye ibikorwa vyo kwiyamamaza uno munsi, ku kirangamisi kiri ku rubuga rwiwe rwa Twitter, hariko ko azotangura ico gikorwa ku wa kabiri itariki 28 Ndamukiza akagitangurira mu gisagara ca Bujumbura, muri komine ya Mukaza.
Naho rero iyo myiyamamazo yatanguye hakaba hatanguye kubonekana ukutihanganiranira muvya politique hirya no hino aho abanywanyi b'umugambwe CNL utavuga rumwe na Reta babujijwe kurengana muri Komine Bugendana intara ya Gitega, mugihe bariko baragenda bagana mu ntara ya Ngozi aho Rwasa abarongoye yarari. Amakuru ava mu ntara ya Muyinga yemeza kandi ko igiporisi cabujije abanywanyi batari bake gushika kuri stade ya Muremera aho nyene mu ntara ya Ngozi ahatangurira ibikorwa vy’umugambwe CNL.
Ku ruhande rwa CNDD-FDD, naho hakaba habaye isanganyary'imodoka yabo yahitanye abagumyabanga babiri. Imodoka yari itwaye ivyuma i Gitega aho muri komine ya Bugendana.
Uruganda rw’aradiyo Haguruka twagerageje kurondera bamwe n’abandi barimwo abanyepolitike n'abo mu mashirahamwe yigenga kugira ngo tubabaze ico bavuga kuri ayo matora abatari bake bakaba bavuga ko ayo matora atakindi azozana atari akarambaraye mu gihugu ko yari akwiye ku bangirwa.
Mwomenya ko umugambwe MSD urongowe na Alexis Sinduhije mw'itangazo wasohohoye, wari wavuze ko iki gihe isi yugarijwe n'ikiza ca Corona Virusi kitari ico gutunganya amatora.
Muri iryo tangazo, uwo mugambwe wavuze ko ayo matora ata "atemewe n’umuntu n’umwe, ko ahubwo intumbero yayo ariyo kugumiza ku butegetsi akarwi akarwi k'abantu bapfukamye igihugu munda kandi batarajwe ishinga n'ineza ya bose".
Nayo mu muhari urwanya ubutegetsi bwa reta y’ibujumbura ukoresheje umuheto RED-TABARA nawo wasohoye itangazo uvuga ko utazokwemera ibizova mu matora " ngo mugihe Abaye hakumiriwe igice kinini c'abatavuga rumwe na Reta n'abaharanira agateka ka zina muntu".
Iyo myiyamamazo yatanguye, ikaba izosozerwa kw'igenekerezo rya 17 ukwezi kwa gatanu, hasigaye imisi itatu gusa ngo amatora y'umukuru w'igihiugu abe.
Tubibutse ko aya matora azoba mu gihe hari impunzi z'Abarundi zirenga ibihumbi amajana atatu mu makambi atandukanye yo mu bihugu bihana urubibe n’igihugu c’uburundi nkuko vyemezwa n’ishirahamwe HCR, uretse abo bari mu makambi y’impunzi n’abarundi baba mu bihugu vyo hanze y’uburundi bakaba batarekuriwe gutora.
Mwomenya ko Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire y'ico gihugu n'amakungu bwafashe iyo ngingo butasiguye canke ngo bwerekane igitegekanijwe kuri uwo muce w'Abarundi utazotora bivuye ko ubuserukizi butandukanye bw'Uburundi mu makungu butariko burakora kubera COVID-19 hamwe no ku cuka ca politike gituma hakiri Impunzi z’Abarundi zitarinke.
Inkuru ya Tresor Igiraneza